Igipolisi muri Kenya, kuri uyu wa mbere, cakoresheje imyuka ibabaza mu maso kugira gishwiragize abari mu myiyerekano yariko iba mu mahoro ku murwa mukuru, Nairobi.
Abari mu myiyerekano bariko bibuka umusi mpuzamakungu wahariwe kurandurana n’imizi amabi akorerwa abapfasoni. Abari mu myiyerekano mu nyuma yaho bariyamirije inguvu z’umurengera zakoreshejwe n’igipolisi. Batangaje ko ata ngingo reta iriko irafata kugira ihagarike amabi nkayo. Waithira Karanja, aba ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, yatangaje ko igipolisi ari co cica abapfasoni, ko ari co gituma kidashaka ko bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza iyicwa ry’abapfasoni. Karanja yatangaje ko igipolisi categerezwa kuba kibakingira. Yavuze ko abari mu myiyerekano bashaka ko igipolisi kibazwa ku nyifato yaco.
Inzego z’igipolisi muri Kenya, zatangaje ko abapfasoni 97 bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu mezi atatu arangiye yonyene. Yamara abaharanira agateka ka muntu bo bavuga ko abaruta ngaho bicwa yamara ntibimenyekane. Mu Ndwi heze, Prezida William Ruto, yariyamirije ibitigiri vyiyongera vy’abapfasoni bicwa. Akaba yasavye ko Abanyakenya bakorera hamwe mu kigoro ko gukingira amabi afatiye ku gitsina akorerwa abapfasoni.
Mu gihe amakungu ahimbaza intango y’imisi 16 yo kwiyamiriza amabi afatiye ku gitsina akorerwa abapfasoni, Happy Olal aharanaira ubutungane, yatangaje ko Reta ya Kenya itariko ikora ibihagije. Yavuze ko Ruto adakwiriye kuvuga gusa ko abapfasosni bicwa. Ngo afise uruhara rurengeye urwa bandi rwo kugira ico abikozeko. Yatangaje ko yotegerezwa ahubwo kubwira abanyagihugu abantu bamaze guhagarikwa muri uyu mwaka kubera bishe abapfasoni. (AP
Forum