Inkoho zarasanye mw'ijoro ryo kuri uyu wa kane mu gisagara ca Juba, umurwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko.
Hari inyuma y’uko inteko zijejwe umutekano zigiye guhagarika uwahoze ari umutegetsi mukuru ajejwe iperereza mu gihugu. Urwo ruhagarara rwatanguye hafi y’isaha imwe yo mw’ijoro mu masaha yo muri Sudani yo mu bumanuko, rubandanya mu kiringo kirenga isaha imbere y’uko ahagarara.
Mu ntango z’ukwezi kw’icumi kw’uyu mwaka, prezida wa Salva Kiir yarakuye Akol Koor Kuc mu mabanga y’umutegetsi mukuru ajejwe iperereza mu gihugu. Yari muri ayo mabanga kuva ico gihugu cikukiye mu 2011. Prezida Kiir yaciye agena uwumusubirira, bacuditse cane.
Umuvugizi w’igisirikare, Major Jenerali, Lul Ruai Koang yavuze ko Akol Kuur atahagaritswe, ko yagumye imuhira iwe igihe cose inkoho zariko zirasana. Abitegereza ibintu n’ibindi batangaje ko kwirukana Akol Koor mu mabanga yiwe vyerekanye uguhiganirwa ubutegetsi mu nzego zo hejuru muri reta.
Vyabaye indwi nkeyi inyuma y’uko reta mfatakibanza Prezida Kiir ayoboye itangaje ko amatora yari yitezwe mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka, azokwigizwayo ku ncuro igira kabiri.
Forum