Ishirahamwe ry'Ubumwe bw'Ubulaya ryemeye guha igisirikare c'u Rwanda imfashanyo y'imiliyoni 20 y'amayero agenewe kugifasha muri Mozambike aho gishigikiye igikorwa co kurwanya umugumuko wa reta ya kiyislamu.
Iyo ngingo yongereje incuro 2 amafranga ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya ryari ryemeye gutanga imbere y’aho mu mwaka w’i 2022. Joseph Borrell, icegera c’umutegetsi mukuru w’urwego nyobozi rw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya, yatangaje ko kuba inteko z’u Rwanda ziri muri Mozambike, vyafashije bikomeye kugira intambwe muri ico gihugu mu bijanye n’umutekano, kandi ko zigikenewe cane muri ico gihugu.
Yongeye avuga ko gutanga amafaranga agenewe kuzifasha mu gikorwa cazo vyerekana ko ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya rishigikiye inyishu z’Abanyafrika ku bibazo vyabo. Naho ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya yari yitezwe, yarateye ibibazo.
Yafashwe habanje gusabwa ko iryo shirahamwe rishobora guhindura rigahagarika amafaranga rizoba ryatanze, n’iyo u Rwanda rwayakoresha mu bikorwa vyarwo, ahandi atari muri Mozambike. Ububiligi ni co gihugu cashimikiye cane kuri ico kibazo. Ico gihugu kirabandanya kwiyamiriza uruhara u Rwanda rufise mu gufasha umurwi M23 urwanya ubutegetsi bwa Repubulika ya demokrasi ya Kongo.(AFRICANEWS)
Forum