Uko wahagera

Abatavuga Rumwe na Reta mu Ntara ya Somaliland Yiyonkoye kuri Somaliya Batsinze Amatora


Mu ntara ya Somaliland yiyonkoye kuri Somaliya, umukuru w’umugambwe WADDAMI, utavuga rumwe na reta yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu. Abdirahman Mohamed Abdullahi yatsinze ayo matora yabaye mu ndwi iheze, n’amajwi arenga 50%. Abdullahi, afise imyaka 69, yarabaye umukuru w’inama nshingamateka ya Somaliland mu 2005.

Uyo mugambwe wiwe wiyamamaje ushira imbere imigambi yo kunagura intwaro ya demokrasi hamwe no gutsimbataza ubumwe mu banyagihugu. Abarongoye uwo mugambwe baremereye kandi abanyagihugu kunagura ubutunzi, hamwe no kugwanya ubushomeri mu bakiri bato.

Prezida Muse Bihi Abdi wo mu mugambwe uri ku butegetsi “Kulmiye” yaronse amajwi arenze gato 30% gusa. Mu kiringo yari amaze ku butegetsi, yarakoze ibishoboka vyose kugira Somaliland yemerwe mu makungu.

Ayo matora yabaye mu ndwi iheze yari yarasibijwe incuro zibiri mu mwaka w’2022 kubera imvo zitandukanye zirimwo ubukene bw’umutahe wo kuyatunganya. Somaliland, yiyonkoye kuri Somaliya mu 1991, yaratunganije reta yayo, ifaranga ryayo, hamwe n’inzego zijejwe gucungera umutekano, naho amakungu atayishigikiye.

Amasezerano aherutse kuba hagati ya Somaliland n’igihugu kibanyi ca Etiyopiya, giha Etiyopiya uburenganzira bwo gushikira no gukoresha ibahari y’Abahindi, maze na co kikemera ko Somaliland ari igihugu cigenga, yaratumye haba uruhagarara rwa politike hagati ya Somaliya na Etiyopoya. Somaliya kirega Etiyopiya ko ibangamiye imbibe zaco.

Forum

XS
SM
MD
LG