Uko wahagera

OLUCOME: Ibiciro vy'Ivyankenerwa mu Burundi Vyaraduze Cane


Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya Reta mu Burundi rirajwe ishinga n’iduga ry’ibiciro vy’ivyankenerwa ryemeza ko ryabaye ndanse muri ico gihugu.

Urwandiko rw’impapuro indwi iryo shirahamwe ryarungikiye abamenyeshamakuru risigura iki kibazo, ruvuga ko ibiciro vy’ibintu umunyagihugu akenera ku munsi ku munsi vyaduze bivuye ahanini kw’ikena ry’amafaranga y’agaciro, no gukoresha nabi make mu mafaranga y’agaciro igihugu gifise.

OLUCOME yerekana ko kuva mu kwezi kwa kane k’uno mwaka, gushika muri uku kwa cumi na rimwe, ivya nkenerwa vyaduze kugera ku ncuro zibiri. Ingero ni nyinshi: Umukate umwe wavuye ku 2500, uja ku bihumbi 5, ikiro c’isukari kiva ku 3500 kija ku bihumbi 10, ic’ibiharage vyumye bizwi kw’izina ry’ibiharage vya jaune bikunzwe cane mu Burundi kiva ku 4800, kija ku bihumbi 6500, ic’ibigori vyumye kiva ku 1800 kija ku 2800, ic’ibiraya bisanzwe kiva ku 1900 kija ku 2500, ibiraya vya Ruhengeri biva ku 1900 bija ku 3000, ikiro c’inyama y’inka irimwo amagufa kiva ku bihumbi 15 kija ku bihumbi 24, iy’umusoso iva ku bihumbi 17 ija ku bihumbi 30.

Iritiro 5 z’amavuta y’amakoto zagurwa ibihumbi 53 mu kwa kane ubu ziri ku bihumbi 85, ritiro 10 z’amavuta yitwa ama cooki akorerwa mu Burundi zavuye ku bihumbi 79 zija ku bihumbi 225, umufuko w’umunyu urimwo ibiro 25 wahora ugurwa ibihumbi 25, ugeze ku bihumbi 55.

Ibinyobwa bikorwa n’ishirahamwe Brarudi na vyo nyene vyaraduze: Icupa ry’ikiyeri kimwe co mu bwoko bwa Amstel ryavuye ku 3000 rija kuri 5000, ikiyeri ca pirimusi cahora kigurwa 2500 kigeze ku 4000, ifanta imwe yahora kuri 1600 ubu igeze ku 2500.

Igisata c’uburaro naco nyene OLUCOME yemeza ko yagikozemwo amatohoza isanga carashikiriwe: Umufuko w’isima yo kubaka wavuye ku bihumbi 45 uja kubihumbi 70, inzu y’icumba kimwe yakoteshwa ibihumbi 250 igeze ku bihumbi 500, iy’ivyumba bitatu yakoteshwa ibihumbi 300 ku kwezi igeze ku bihumbi 750.

Mu vyo kunguruza abantu n’ibintu, iritiro rya esensi ryavuye ku 18, rija ku bihumbi 30, urugendo rwo kwiyunguriza hagati mu gisagara rwahora ku bihumbi 10, ubu ni ibihumbi 50.

Ibindi vyaduze birimwo ivyo kwambara: Ibirato bisanzwe vyahora ku bihumbi 20, bigeze ku bihumbi 50, ishati yahora ku 25 ubu igurwa ibihumbi 50, igarama y’inzahabu yahora igurwa ibihumbi 120, igeze ku bihumbi 500.

Hambavu y’ibi vya nkererwa , OLUCOME yemeza ko n’imiti yaduze cane. Iryo shirahamwe rivuga ko ikiza gisongera isibe, ari uko bamwe mu badandaza barwiriyemwo abari mu ntwaro bikika mu kiza, bakidugiriza ibiciro uko bishakiye.

OLUCOME isigura ko iki kibazo kiri mu gihugu cose. Ababeshejweho n’uburimyi, akarorero hari icitwa Umugwazo bakora: Bahitamwo kudandaza ibiterwa bitarera, bikiri mu murima kugira baronke agafaranga. Ibi OLUCOME ikavuga ko muri kazoza bizotera ikibazo ku banyagihugu bazobura umwimbu.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga kandi ko ikibazo c’iduga ry’ibiciro kibangabanganywe n’itituka ry’ifaranga ry’Uburundi ribandanya guta agaciro ku munsi ku munsi. Mu kwa kane, idorari yavunjwa 4500 ubu rigeze ku bihumbi 8.

OLUCOME iti: Amabi ntasiga ayandi. Ubukene bw’amafaranga ntibugarukira aho: Igisata ca Mutuelle gishigikira abakozi mu vy’ubuvuzi ntikigishoboye kuvuza abakozi ba reta kubera ubushikiranganji bwinshi buyiheraniye amafaranga y’umurengera, imfuvyi nazo nyene ku bwa OLUCOME ntizikivuzwa neza kubera amafaranga ubushikiranganji bwo gufatana mu nda bufiye amavuriro atandukanye.

Forum

XS
SM
MD
LG