Uko wahagera

Kongo: Bimwe mu Bisagara Vyabuze Amatara Kubera Ibicafu Biri mu Rugomero Rukuru


Kamwanya ari zo bita plastike zajugunywe ziriko zirareremba mu rugomero rukomeye rutanga umuyagankuba muri Republika ya Demokrasiya Kongo. Muri iki gihe ziriko zituma umuyagankuba ucika mu bisagara bitari bike vy'igihugu.

Ni ikibazo ku bategetsi bo muri ivyo bisagara bariko bagerageza gutorera inyishu. Urugomero rw’umuyagankuba, ruri ku ruzi Rusizi mu bumanuko bw’ikiyaga Kivu, rutanga umuyagankuba mu gisagara ca Bukazu n’ibindi bisagara.

Ibura ry’umuyagankuba rirageramiye abakora imirimo y’ububandaji muri ivyo bisagara. Ico kibazo gifatiye kw’ikoreshwa ritera ryiyongera rya za kamwanya ,amacupa ya “plastike” hamwe no kudatorera inyishu ico kibazo. Imvura nyinshi irwa muri ako karere ituma bitahira mu kiyaga Kivu.

Ljovy Mulemangabo, umuyobozi mu karere w’isosiyete itanga umuyagankuba mu gihugu SNEL, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko plastike zatawe zizibira amazi atuma umuyagankuba ubomeka.

Didier Kabi, umushikiranganji ajejewe ibidukikije n’ubutunzi bwubahiriza ibidukikiije mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, ari mu bantu bariko bakora ibishobotse vyose kugira batorera inyishu ico kibazo. Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongerza, Reuters, yatangaje ko abanyagihugu bategerezwa gufasha mu gikorwa co gutuma ibintu vyo mu bwoko bwa plastike bituzurana mu kiyaga Kivu. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG