Uko wahagera

Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi bwa Senegali Bemeye ko Batsinzwe mu Matora


Umugambwe uri ku butegetsi muri Senegal, PASTEF, ugiye kuzotsindira ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka. Ni mu gihe abayoboye imigambwe itavuga rumwe na reta, kuri uyu wa mbere, bemeye ko batsinzwe mu matora afise intumberoyo guha uburengenzira Prezida Bassirou Diomaye Faye bwo gushira mu ngiro imigambi yemeye yo guhindura ibitari bike mu gihugu.

Macky Sall yahoze ari prezida wa Senegal, ayoboye urunani rukomeye rw’imigambwe itavuga rumwe na reta, Takku Wallu, yarakeje umugambwe uri ku butegetsi, PASTEF, mu butumwa ku rubuga X. Abandi bayobozi b’imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta bemeye ko batsinzwe, amasaha makeyi inyuma y’uko ibibanza vy’amatora vyugaye ku musi w’Imana urangiye.

Ibiharuro vy’ivyavuye mu matora n’ibibanza imigambwe yatsindiye bizotangazwa icese mu mpera z’iyi ndwi. Umugambwe uri ku butegetsi, PASTEF wari ufise ibibanza 56 ku bibanza 165 mu nama nshingamateka imbere y’amatora y’abashingamateka yabaye ku musi w’Imana urangiye. Ni mu gihe urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta ruyobowe na Macky Sall rwari rufise ibibanza 83.

Prezida Bassirou Diomaye Faye, yatowe kuba Prezida wa Senegal mu kwezi kw gatatu kw’uyu mwaka, yatangaje ko kuba umugambwe wiwe udafise ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka vyari vyarratumye adashira mu ngiro ivyo yemeye igihe yiyamamaza ashikiriza imigambi yo guhindura ibitari bike, birimwo kurwanya ruswa no gutuma abanyagihugu bakura inyungu ziboneka mu matungo kama igihugu gifise. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG