Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko asaba amakungu kurimbura nimba Isirayeri iriko irakora ihonyabwoko ry’Abanyepalestina. Ikinyamakuru La Stampa co mu Butariyano kibivuga cishimikije “tumwe mu duce tw’ibiri mu gitabo ca Papa Fransisiko kigiye gusohoka vuba”.
Ku bwa La Stampa, muri ico gitabo umwungere wa Ekleziya Katorika agira ati: “ Abahinga benshi bemeza ko ibibera muri Gaza bikwije ibisabwa vyose kugira vyitwe jenoside. Tubwirizwa gukora amatohoza yimbitse kugira vy’ukuri tumenye ko hisunzwe amategeko n’insiguro itangwa y’biranga jenoside, ibibera muri Gaza ari jenoside.”
Igisirikare ca Isirayeri ntaco kiravuga ku majambo ya Papa Fransisiko. Akatari gake muri kahise yamara, cumvikanye camirira kure abacagiriza ko kiriko gikora jenoside y’abanyepalestina.
Ni ubwa mbere umwungere wa Ekelziya katorika avugiye ku mugaragaro ijambo jenoside y’abanyepalestina. Mu kwezi kw’icenda ariko, hari abemeje ko yise intambara yo muri Gaza jenoside. Vatikano ico gihe yarabibeshuje.
Ivyo Papa Fransikiko yavugiye mu gitabo kigiye gusohoka, vyafashwe nk’ibidasanzwe bivanye n’ingene Ekleziya Katorika ikunze kwirinda kugira ico ivuze ku matati mpuzamakungu. Amajambo Papa Fransisiko yavuze ni nayo akarishe cane avuze kuva intambara ya Hamas na Isirayeri yaduka.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze, Afurika y’epfo yitwariye Isirayeri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, ivuga ko iriko ikora ivyaha vya jenoside muri Gaza.
Mu kwa mbere, umucamanza mukuru wa CPI yaciye ategeka Isirayeri kurimbura niba abasirikare bayo bariko barakora ivyaha bagirizwa. Iyo sentare ifise icicaro mu Buholande ntiravuga niba yasanze ivyo vyaha Isirayeri iriko irabikora canke itariko irabikora. (REUTERS)
Forum