Abajejwe amagara y’abantu muri Amerika batangaje umuntu wa mbere yanduye ibihara vy’inkende. Uwanduye ni uwo muri reta ya Californie iri mu burengero bwa Amerika.
Igisata kijejwe amagara y’abantu muri iyo reta, cavuze ko uwanduye yahora mu rugendo mu karere ka Afurika y’ubususeruko. Uwo yanduye ariko avurirwa mu buraruko bw’iyo reta.
Ico gisata nticavuze igihugu co muri EAC uwasanganywe ubwandu yahoramwo. Cavuze gusa ko ariko aroroherwa, kandi ko amahirwe y’uko ata bandi yanduza ari menshi. Abatanze amakuru bariko bararondera abo bahuye, mu ntumbero yo gukinga ko ubwandu bwoba bwamuvuyeko bubandanya guhererekanwa.
Hambavu ya Amerika, ibindi bihugu bimaze kuvugwamwo abafise ubwandu bavanye muri Afurika y’ubuseruko ni Ubuhindi, Suwede, Tayilande n’Ubwongereza.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko ubwandu bw’ibihara vy’inkende busa n’ubwagabanutse muri rusangi. Kuva mu kwezi kwa cenda, abanduye barenga 3100. Aba, barwiriyemwo abo mu Burundi, Uganda na Republika ya Demokarasi ya Kongo.
OMS naho yemeza ko ubwandu bwagabanutse mu bihugu bitandukanye birimwo Kongo yafatwa nk’ikirindiro gikuru c’iyo ngwara, haracakenewe incanco nyinshi kugira ico kiza gituzwe burundu: Ikigo CDC kijejwe kurinda no gukumira ingwara kivuga ko Kongo ubwayo yonyene ikeneye incanco zigera ku miriyoni 3, muri rusangi ibindi bihugu vyose vya Afurika vyavuzwemwo iyo ngwara bigakenera imiriyoni 7 z’incanco.
Igihugu cabangamiwe cane n’ubwandu bw’ibihara vy’inkende ni Kongo, kigakurikirwa n’Uburundi (AP)
Forum