Israyeri ntiyubahirije ikiringo co gutanga agahengwe yari yasabwe na Amerika. Ibitero yagavye mu ntara ya Gaza vyahitanye abantu 14. Ibi biharuro bitangwa n’abategetsi ba Palestina.
Amashirahamwe mpuzamakungu y’abagiraneza yavuze ko ibitero vya Isirayeri vy’uno wa kabiri muri Palestina vyatumye imfashanyo zayo zidashika muri Gaza. Igisirikare ca Isirayeri cabihakanye kivuga ko hari imfashanyo y’imfungurwa n’amazi biharurwa mu majana n’amajana vyashikiriye abanyagihugu bari mu buraruko bwa Gaza, aho Israyeri ibandanya ibitero.
Amerika yari yatanze itegeko ko Isirayeri ibwirizwa gutanga agahengwe k’intambara bitarenze uno munsi ku wa kabiri, kugira abagira neza bashobore gishikiriza imfashanyo abanyagihugu, bitagenze uko, Amerika igahagirika imfashanyo iha ico gihugu.
Amashirahamwe mpuzamakungu 8 akorera mu vy’ubutanazi yasohoye icegeranyo cerekana ko ku ngingo 19 Amerika yategetse isirayeri kubahiriza, yubahirijemwo 4 gusa. Ayo mashirahamwe yasiguye ko uretse kutubahiriza ivyo Isirayeri yasabwe, Isirayeri yafashe ingingo zatumye ibintu vyunyuka gusumba uko vyari haraheze ukwezi.
Ibiro vya ONU bitunganya ibikorwa vy’abatwara imfashanyo muri Gaza, bivuga ko nko mu kwezi guheze, Isirayeri yaburijemwo ibice 85% vy’ibikorwa vyari bigamiije gufasha abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza. Ivyo biro bivuga ko vyasavye Isirayeri incuro 98 impusha zo kwinjira muri Gaza ariko muri izo zose, Isirayeri ikaba yazitanze incuro 15 zonyene.
Ico bikoze ariko, inama y’abashikiranganji yabaye ku wa mbere w’ino ndwi, yaheze abayirimwo bumvikanye ko ibitigiri vy’amakamyo atwara imfashanyo mu ntara ya Gaza ku munsi ku munsi vyongerekana.
Hambavu y’ibitero Isirayeri yagavye muri Gaza, inyuma y’ikiringo kiri munsi y’isaha imwe igabishije abanyagihugu bo mu buseruko bw’I Beyerute, umurwa mukuru wa Libani, ibasaba gukinjura bidatevye, ibice bitandukanye vy’uwo murwa vyumvikanyemwo ibisasu vyinshi, vyongera vyibonekezamwo umwotsi mwinshi.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Isirayeri bwari bwagabishije bugira buti: “Muri mu micungararo y’ahari inyubakwa n’inyungu z’umurwi wa Hezbollah, Isirayeri igiye kuhagaba ibitero vuba.” Ubutumwa ubwo bushikiranganji bwacishije ku rubuga rwabwo rwa X, bwari buherekejwe n’ikarata yerekana aho abanyagihugu basabwa kuva.
Forum