Imiryango irenga 700 mu yubatse amazu aheregereye ibiro vy’umukuru w’igihugu ku mutumba wa Gasenyi , muri komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura ntigira aho ikika umusaya. Imvo ni kuba idashoboye gusanura amazu yayo canke ngo yimuke kuko igihanganye na Reta y’Uburundi kubijanye n’umuzibukiro ivuga ko ibwirizwa guhabwa.
Umwe mu banyagihugu bo kumutumba wa Gasenyi muri komine ya Mutimbuzi avuga ko kuva aho imvura itasuriye batakigira amazu babamwo. Amakuru Ijwi ry'Amerika rihabwa n’isoko ryayo ryahishikiye ni uko amazu amwe amwe yarasenyutse burundu, ayandi atagifise impome zikwiye, hakaba n’ayandi yamaze kwata imigaga. Ba nyene ayo mazu barifumbereje.
Ibomoka ryayo mazu, abanyagihugu baryegeka kuri Reta kuko yatanze itegeko ryo guhagarika ibikorwa vyose bijanye no kubaka muri ayo matongo yegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu. Ayo nayo aharurwa kuma hegitari 160. Akaba abamwo imiryango iharurwa hafi 3500.
Mu mwaka wa 2016, Reta y’Uburundi yari yemereye abo banyiguhugu kubaha umuzibukiro. Waharurwa ku mafaranga angana n’imiriyoni 5 z’amarundi kw’ihegitare imwe. Ariko yagumye mu muhango na bugingo n’ubu. Muri kino gihe ihegitare 1 igeze kumafaranga angana n’imiriyoni 30. Umukuru w’umutumba Gasenyi avuga ko umuzibukiro ukenewe kuri abo banyagihugu uharurwa mu miriyaridi zirenga 100. Amosi Ndacayisaba asaba reta ko yobatunganiriza ikwirikije ibiciro vyo muri kino gihe.
Umushikiranganji w’ibidukikije nawe avuga ko Reta yategekanije umuzibukiro utarenga ibice 10% vy’amafaranga abanyagihugu bariko basaba. Prosper Dodiko , ariko yishura kubibazo vyabakenguzamateka kuwa 29 z’ukwezi kw’icumi yavuzeko inama nshikiranganji ari yo isigaje kugira ico ibikozeko.
Reta y’Uburundi yashinze ko ibiro vy’umukuru w’igihugu bizokubakwa ku mutumba wa Gasenyi mu mwaka wa 2009. Abanyagihugu muri bamwe bari basanzwe barahubatse amazu abandi baraguze amatongo yo kubakamwo. Basaba reta gushira mu ngiro mu maguru masha , ingingo y’ 425 y’itegeko rigenga amatongo mu Burundi. Iyo nayo ivuga ko uwatswe itongo na Reta afise uburenganzira bwo gusaba inshumbusho y’amafaranga.
Forum