Abasirikare benshi ba Cadi baguye mu gutana mu mitwe kwabahuje n’intagondwa z’abajihadiste bo mu murwi wa Boko Haram.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, prezida wa Cadi Mahamat Idriss Déby Itno yahojeje imiryango yabuze agira ati: “ Ndahojeje imiryango y’abamaratiri baguye ku rugamba barwanira igihugu cabo, kandi nipfurije abakomeretse imisuhuko no gukira vyihuse.”
Prezida Mahamat Idriss Déby Itno ntiyigeze avuga uko abaguye ku rugamba bangana. Nta n’amakuru arambuye yaho baguye na ryari uku gutana mu mitwe kwabaye yatanze. Yavuze gusa ko abaguye ku rugamba ari benshi, yongera yumvikanisha ko n’abakomeretse ari benshi adatanze ibitigiri vyabo.
Ico bikoze, igisirikare ca Cadi kimaze indwi zibiri kiri mu bikorwa vyo guhangana n’abanrwanyi ba Bioko Haram. Ni mu bifatwa nko kwihora ku gitero Boko Haram yagavye kuri imwe mu makmbi y’abasirikare ba Cadi mu kwezi kwa cumi, kigahitana abasirikare bagera kuri 40.
Ibiro bikuru vya gisirikare muri Cadi bivuga ko ugitana mu mitwe kw’ingabo za Cadi n’abarwanyi ba Boko Haram kwa mbere kwabaye ku munsi wa kane w’indwi turiko turasozera. Ivyo biro vyemeye kuzotangaza ibitigiri vy’abamaze kurwa muri uko gutwana mu mitwe vyemeza ko kukibandanya. Bivuga ko hari abarwanyi benshi bamaze kuhasiga ubuzima.( AFP)
Forum