Uko wahagera

Ibitero vya Isirayeri Vyahitanye Abantu 20 barimwo Abana 3 muri Libani


Ibitero vya Isirayeri vy’uno wa Mungu ku butaka bwa Libani “vyahitanye abantu 20 barimwo abana 3.”

Ubushikirangaji bw’amagara y’abantu muri Libani bwatangaje ano makuru bwemeza ko ico gitero ca Isirayeri cahitanye kandi abajejwe gutabara bo mu murwi wa Hezbollah 3, congera gikomerekeramwo abantu 6.

Ni igitero Isirayeri yagavye mu gisagara ca Almat kiri mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Libani, Beyerute. Ico gisagara kirwiriyemwo abakirisu. Ni igisagara kitari mu bisagara Isirayeri ikugenze kugabamwo ibitero muri Libani.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Isirayeri buvuga ko igitero c’uno wa Mungu kije ciyongera ku kindi c’ejo ku wa gatandatu cahitanye abantu 20 bo mu buseruko bwa Libani, n’ikindi cahitanye 13 bo mu buraruko bw’ico gihugu.

Isirayeri yagwije ibitero muri Libani kuva igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cenda uno mwaka, mu ntumbero yo guhiga bukware abarwanyi b’umurwi wa Hezbollah bari muri ico gihugu. Kuva ico gihe, ibiharuro bitangwa na Libani vyemeza ko abarenga 3130 bamaze kurwa muri ivyo bitero. ( AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG