Uko wahagera

Afurika y'Epfo Itewe Amakenga na Politike Trump Azogira mu Vy'Ihindagurika ry'Ibihe


Igihugu ca Afrika y’Epfo catangaje ko gifise amakenga ko itorwa rya Donald Trump mu kibanza ca Prezida wa Amerika, rishobora kugira ingaruka mbi ku biganiro vyo gutorera inyishu ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe.

Itorwa rya Donald Trump mu mabanga yo kurongora Amerika kuva mu mwaka uza hamwe n’isambuka rya reta y’urunani mu Budagi muri iyi ndwi, bibaye hasigaye imisi mike ngo ibiganiro bifise intumbero yo kugabanya ubushuhe bwiyonera kw’isi hosebibe.

Abahinga bakwirikiranira hafi ihindundagurika ry’ibihe n’ikirere bavuga kw’ubushuhe bubandanya kwiyongera, ari bwo butuma haduka imiyaga y’igihuhusi, hamwe n’amasengenya.

Umushikiranganji w’igihugu ca Afrika y’Epfo ajejwe ibidukikije, Dion George yatangaje ko igihgu ciwe gifise amakenga yerekeye ingingo izofatwa na Amerika ku bijanye n’imigambi yo kugabanya imyuka yonona ibidukikije.

Ibihugu birajwe ishinga n’ihindagurika ry’ibihe na vyo nyene biratewe amakenga na reta ya Amerika izoba irongowe na Prezida Donald Trump bivuga ko yamaze gutungaza ko amakuru avuga kw’ihindagurika ry’ibihe riterwa n’imyuka mibi yo mu bihugu biteye imbere, ari amakuru y’ibinyoma.

Forum

XS
SM
MD
LG