Uko wahagera

Kenya: Sentare Nkuru Yakuyeho Itegeko Ryabuza Visi Prezida Kurahira


Sentare nkuru yo muri Kenya, kuri uyu wa kane, yakuyeho itegeko ryaziriza ukurahira kw'icegera gishasha ca Prezida Kithure Kindiki.

Mu gufata iyo ngingo, umucamanza wo muri iyo sentare, Anthony Mrima, yasiguye ko ikibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu kidashobora kuguma kigaragara.

Ni mu gihe Rigathi Gachagua yari muri ayo mabanga yashingishije urubanza muri sentare inyuma y’uko yabogojwemwo biciye mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Rigahti Gachagua ashobora kwunguruza muri sentare ntahinyuzwa y’igihugu.

Mu ntango z’uku kwezi, inama nkenguzamateka ya Kenya yasanze Gachagua yagirwa n’ivyaha bitanu kuri 11 yagirizwa, harimwo kurenga bikomeye kw’ibwirizwa shingiro ry’igihugu, no kubiba urwanko rufatiye ku bwoko.

Yarahakanye ivyo vyagirizo, avuga ko bifatiye ku mvo za politike. Mu nyuma y’aho Prezida wa Kenya, William Ruto, yahisemwo kugena umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Kithure Kindiki, kuba icegera ciwe. Yamara sentare yari yahagaritse igenwa ryiwe muri ayo mabanga.

Rigathi Gachagua yakuwe mu mabanga yiwe inyuma y’uko atumvikanye na Prezida William Ruto. Bari biyayamarije hamwe mu matora yabaye haraheze imyaka 2. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG