Mu Burundi, Ubuzima bw’abakenyezi n’abana baba mu ma site bimuriwemwo kubera ihindagurika ry’ibihe bwifashe nabi. Abo Ijwi ry'Amerika ryagendeye biciye ku bakunzi bayo muri Site Martyazo iri muri komine Mubimbi, bavuze ko bataronka aho baryamika abana babo, na cane cane ku baba bibarutse ndetse n’amazi yo kwoza izo nzoya mu gukora isuku bigoye kuyaronka.
Mu babisigura, harimwo umwe mu bakenyezi baherutse kuvyarira muri site ya Matyazo iri muri komine ya Mubimbi mu ntara ya Bujumbura. Ari mu bahimuriwe bitewe n’amazi ya Tanganyika yateye muri zone ya Gatumba, Reta ica irabimura.
Abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bamusanze ahetse umwana w’ukwezi kumwe gusa. Uwo mukenyezi yabiganiye ubuzima babayemwo ngaho muri iyo site, na cane cane ku muvyeyi afise umwana muto cane ko kuronka aho kumuryamika bigoye.
Uwo muvyeyi amaze ukwezi kumwe avyaye anavuga ko bahangayikishijwe n’isuku rike riharangwa, aho usanga abana babo baguma barwaye indwara zituruka kw’isuku rike. Avuga ko ivyo biterwa no kuba ata mazi meza bafise. Ikibazo c’amazi akabona ko ari intandaro ya vyose, kuko bakoresha amazi baguze buri munsi kandi ata n’ubushobozi bwo kuyagura bafise.
Mugenzi we na we avuga ko harimwo abarara bahagaze kuko aho baryama hameze nabi. Avuga ko n’ikirago baba bashashe hasi basanga carengewe n’amazi, ayandi akamanuka ku mahema babamwo bakisanga aho baryamye batose, batanaronka aho bihengeka.
Aha kandi bavuga ko kubera hasi haba haratose, hakaba n’aho usanga haraje umukungungu. Avuga kandi ko hari aho babona ibinyamugera musi y’umukeka baba baryamyeko, rimwe na rimwe bikanabarya.
Ikindi abo bakenyezi bavuga n’uko aho bavoma amazi yo kugira isuku no guteka usanga ari kure cane, iyo bataronse amafaranga yo kuyagura bikabagora cane kuja kuyizanira.
Uyu mukenyezi avuga ko hari igihe ahora aja kuyizanira kandi atarakomera umugongo kuko amaze ukwezi kumwe yibarutse, bikanamutera ikibazo gikomeye nk’uko abisigura.
Abo bakenyezi, basaba ko reta yobagarukira vuba nk’abavyeyi bafise abana bato, kuko bakenera uburyo bwinshi bwo kugira isuku ribakwiye.
Kuri ivyo bibazo abo bakenyezi bafise, ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana buvuga ko hari ivyo Reta iriko iratunganya kugira ngo baronswe aho kuba heza kandi hafise isuku.
Ildephonse Majambere umuvugizi w’ubwo bushikiranganji kuri micro z’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika, asaba abo bakenyezi kwihangana kuko Reta itabibagiye.
Muri iyo site ya Martyazo haba imiryango irenga 1000 igizwe n’abagabo, abakenyezi n’abana, ariko abakenyezi n’abana akaba ari bo benshi naho ata biharuro vyabo bwite twabashije kumenya.
Abahimuriwe nta mazu barubakirwa, bamwe barara mu mahema, abandi bakarara hanze nk’uko babitwiganiye.
Forum