Uko wahagera

Burundi: Umumenyereza w' Umurwi Nserukiragihugu w'Umupira w'Amaguru Yakuwe


Intamba mu Rugamba mu rukino zagiriye muri Maroke
Intamba mu Rugamba mu rukino zagiriye muri Maroke

Etienne Ndayiragije ntakiri umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi, Intamba Mu Rugamba.

Iyo nkuru yakiriwe neza n’abakunzi b’urwo rukino. Basaba abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kuzomusubiriza n’umumenyereza afise ijunja n’ijambo.

Igenekerezo rya 24 za kuno kwezi niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryasohora itangazo rimenyesha ko batandukanye n’umumenyereza Etienne Ndayiragije yaramaze amezi 21 amenyereza umuwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba Mu Rugamba.

Alexandre Muyenge arongoye FFB yamenyesheje ko impande uko ari zibiri zumvikanye ku nyungu ya bose. Iyo ngingo yafashwe inyuma y’inama yo kurabira hamwe ivyaranguwe na Ndayiragije, yahuje uwo mumenyereza n’abarongoye FFB.

Mu mezi 21, Etienne Ndayiragije yaramaze amenyereza umugwi w’Uburundi yakinye inkino 15, atsinda zine, anganya gatatu atsindwa umunani. Uwo mwimbu impande zose zasanze udashimishije, basezerana gutandukana.

Iyo ngingo yo gutandukana n’umumenyereza w’Intamba Mu Rugamba, yakiriwe neza n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi. Basaba FFB kuza irafata ingingo hakiri kare, amazi atarenga inkombe.

Umumenyereza ashobora gusubirira Etienne Ndayiragije ni Patrick Sangwa aba mu gihugu c’Ububirigi, akaba yahoze ari icegera ca Ndayiragije mu nyuma baratandukana kubera kutumvikana. Ata gihindutse Sangwa azoba ari i Bujumbura kuri uno wa mbere kugira bumvikane n’abarongoye FFB

Forum

XS
SM
MD
LG