Uko wahagera

Uganda: Abantu 16 Batavuga Rumwe na Reta Bagiriwe n'Ivyaha Birimwo Guhemuka


Bobi Wine atwara umugambwe NUP 16 baciriwe urubanza bakomokamwo.
Bobi Wine atwara umugambwe NUP 16 baciriwe urubanza bakomokamwo.

Muri Uganda, abantu 16 bo mu mugambwe National Unity Platform (NUP), uza imbere mu yitavuga rumwe n’ubugetesi bagiriwe n’icaha co guhemuka no gutunga ibirwanisho batabifiye uburenganzira.

Sentare ya gisirikare yabaciriye urubanza ivuga ko ivyaha bagirizwa babikoze hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe ko mu 2020 no mu kwa gatanu ko mu 2021, igihe Uganda yari mu matora.

Sentare yabaciriye urubanza ivuga ko hari n’abandi bari muri ino dosiye ubutungane bukirondera kuko batorotse.

Uko ari 16 bose bemeye ivyaha bagirizwa. Me Shamim Malende ababuranira yamara yabwiye itororokanitrizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko birimwo igifungu agira ati: “Ntivyumvikana ingene bokwemera ivyaha bari barahakanye urubanza rugitangura.”

Bobi Wine atwara umugambwe NUP utavuga rumwe n’ubugetsi bwa Uganda nawe yemeza ko abanywanyi b’umugambwe wiwe batewe ubwoba n’ubutegetsi bwabategetse kwemera ivyaha bagirizwa no kwandika basaba ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Nta mumenyeshamakuru n’umwe yigeze yemererwa kwinjira aho baburaniye. Bitegekanijwe ko ejo ku wa gatatu barenguka imbere y’ubutungane kugira bubawire urubanza baciriwe. Uko ari 16, baburanye inyma y’imyaka ine bari bamaze mu gasho (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG