Uko wahagera

Kenya: Sentare Nkuru Yatanguye Kumviriza Urubanza rwa Rigathi Yahora ari Visi Prezida


Rigathi Gachagua kumwe na Prezida William Ruto
Rigathi Gachagua kumwe na Prezida William Ruto

Sentare nkuru ya Kenya yatanguye kumviriza urubanza Rigathi Gachagua yahora ari visi prezida w’ico gihugu yitwayemwo yanka ingingo y’inama nkenguzamateka na nshingamateka vyamukomboye mu ndwi iheze.

Urubanza rugitangura, Prezida William Ruto wa Kenya yaciye asaba ko ruhagarara. Yavuze ko sentare iriko iburanisha urubanza rwiwe ata bubasha ibifitiye. Ni urubanza asigura ko rubwirizwa kuja mu minwe ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Sentare nkuru ya Kenya ku wa gatanu ni ho yategetse ko ikomborwa rya Rigathi Gachagua riba rirabangiriye. Ni ingingo yafashe inyuma y’uko prezida wa Kenya agenye Kithure Kindiki nka visi prezida wiwe mushasha.

Sena ya Kenya yemeje ko Rigathi Gachagua yagirwa n’ivyaha 5 muri 11 yagirizwa, ariko we abihakana avuga ko ababimwagiriza ari abashaka kumugirira nabi.

Mu gihe Rigathi avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe kandi amaze guhakwa kugandagurwa incuro nyinshi, igisata kijejwe amatohoza y’ivyaha bitandukanye muri Kenya camusavye guha polisi ya Kenya ivyemezo vy’ivyagiriji vyiwe.

Mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru ku wa Mungu, yavuze ko ubutegetsi yahoramwo bwamatse abamukingira umutekano, bamwe mu bakorera mu biro vyiwe nabo barahagarikwa mu kazi. Muri ico kiganiro, yavuze ko ico azoba cose kizokwegekwa kuri Prezida William Ruto. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG