Uko wahagera

Umushikiranganji wo Kwivuna Abansi muri USA Yagendeye Ukraine Bitunguranye


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Lloyd Austin, kuri uyu wa mbere, yagize urugendo rutari rwatangajwe mu gihugu ca Ukraine. Ni urugendo rwari rufite intumbero yo kwerekana ko igihugu ciwe kibandanya gushigikira igisirikare ca Ukraine.

Vyari bitegekanijwe ko ashikiriza ijambo ryerekana ukugene Ukraine iriko irwanya Uburusiya ikoresheje ubutwari bwinshi, hamwe n’ukugene Amerika ibandanya gukora ibishoboka vyose kugira inteko za Ukraine zironke ibikoresho vya gisirikare zikeneye.

Bitegekanijwe ko yerekana kandi ukugene urugamba Ukraine irimwo rufitiye akamaro umutekano wa Amerika. Urugendo rw’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika rubaye imisi mikeyi inyuma y’uko Reta ya Amerika itangaje imfashanyo nshasha y’imiliyoni 425 y’amadolari igenewe Ukraine.

Muri ico gihe, ibitero vya drone z’Uburusiya vyakomerekeje umuntu umwe ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev, nk’uko vyatangajwe n’abategetsi baho kuri uyu wa mbere. Umukuru w’umurwa mukuru, Kiev, Vitali Klitschko, yatangaje ko ibisigarira vya drone zasambuwe n’inteko za Ukraine vyononye inyubakwa zitari nke zibamwo abanyagihugu. (VOANEWS

Forum

XS
SM
MD
LG