Uko wahagera

Burundi: Urunani Rwageze ku Ntambwe ya Kabiri Irushikana muri BAL


Inyuma yo gutsinda inkino zine kuri zine mw’ijonjora rya mbere ry’inkino za Basketball Africa League, umugwi w’Urunani wo mu Burundi wageze ku ntambwe ya kabiri (Elite 16).

Muri uwo mugwi barashima ukuntu abakinyi bingenjeje muri izo nkino bakamenyesha ko bagiye kwitegurira ihiganwa ryimirije n’inguvu nyishi.

Kuri uno w’Imana, ni ho Urunani rwakina urukino rwa nyuma aho rwatsinze umugwi wa Gendarmerie Nationale Basketball Club wo muri Madagascar ku manota 112 kuri 56. Rwabaye urukino rwa kane Urunani rwari rutsinze mu nkino zine rwategerezwa gukina.

Inyuma yo kubona ayo manota umunani ku munani, umugwi w’Urunani waciye uronka uburenganzira bwo kuzitabira inkino z’amajonjora ya kabiri yiswe ELITE 16.

Izo nkino atagihindutse nkuko tubisanga ku rubuga rw’ishirahamwe rya basketball muri Afrika FIBA Afrique, bitegekanijwe ko zizotangura igenekerezo rya gatanu gushika irya 17 z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Igisagara ca Abidjan muri Cote d’Ivoire ni co co nyene kimaze kumenyekana ko kizakira izo nkino mu kurindira ko imigwi imenyeshwa ahandi izokinira.

Elvis Hakizimana icegera c’umumenyereza w’Urunani inyuma y’izo ntsinzi zine kuri zine yemeje ko akazi kabaraririye muri Elite 16 katoroshe ariko ko bagiye kwitegura.

Amenyesha kandi ko basanze ari ngombwa bazogura n’abandi bakinyi kugira bitabire iryo higanwa biteguye bahagije ibizobafasha gushika ku ntumbero yabo yo gukina inkino za nyuma za BAL.

Imigwi 16 izitabira izo nkino za Elite 16, izoshirwa mu matsinda abiri. Muri buri tsinda hazovamwo imigwi ibiri ya mbere. Uko ari 4 izoca ihamvya umunani isanganywe ubwo burenganzira bivanye nuko yigenjeje kuva iryo higanwa rya BAL ritanguye mu mwaka 2021.

Iyo nayo izova mu bihugu vya Nigeriya, Tuniziya, Senegare, Misiri, Afrika y’Epfo, Maroke n’u Rwanda.

Iyo migwi nayo uko ari 12 izoca ishirwa mu matsinda abiri , ine ya mbere buri tsinda, yose hamwe umunani, izoca ihurira muri Afrika y’Epfo mu nkino za nyuma za BAL, ihiganwa rizoba rikinywe ku ncuro igira gatanu.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Burundi: Urunani Rwageze ku Ntambwe ya Kabiri Irushikana muri BAL
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:24 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG