Uko wahagera

Isirayeri Yasavye Ikigongwe ku Basirikare 3 ba Libani Yishe


Daniel Hagari avugira igisirikare ca Isirayeri
Daniel Hagari avugira igisirikare ca Isirayeri

Igisirikare ca Isirayeri casavye ikigongwe ku basirikare batatu ba Libani cishe ejo ku wa Mungu. Bahitanywe n’igitero Isirayeri yagavye mu buseruko bwa Libani, aho umurwi wa Hebzollah ubandanya kurwanira na Isirayeri.

Abasirikare batatu Isirayeri isabira imbabazi ko yishe, bahitanywe n’ibisasu vyaguye ku muduga w’akazi barimwo. Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri yavuze ko ata bitero igaba itumbereje ku ngabo za Libani.

Isirayeri isavye ikigongwe mu gihe intumwa idasanzwe ya Amerika yagiye I Beyerute uno munsi ku wa mbere mu biganiro vyo kuraba ingene hoboneka agahengwe k’intambara hagati ya Isirayeri n’umurwi wa Hezbollah wo muri ico gihugu.

Abategetsi ba Libani baza gukorana ibiganiro na Amos Hochstein, barimwo umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza, Najib Mikati n’umukuru w’inama nshingamateka, Nabih Berri.

Hambavu y’ibiganiro biza gushimikira ku ntambara ya Isirayeri na Hezbollah, intumwa idasanzwe ya Amerika iza kandi kuganira n’abashingamateka ibasaba ko gutora prezida mushasha.

Hagati aho, uno munsi ku wa mbere Isirayeri yagavye ibindi bitero I Beyerute ku murwa mukuru wa Libani no mu buseruko bw’ico gihugu.
Isirayeri ivuga ko iriko ihiga gutera ikigo citwa al-Qard al-Hassan, gihemba abarwanyi ba Hebzollah kikanabafasha kugura ibirwanisho. Iki kigo, kiranaha ariko abasivile ingurane z’amafaranga kitarinze kubasaba inyungu. Ni ikigo kiri mu bihano vya Amerika.

Forum

XS
SM
MD
LG