Uko wahagera

Ubutegetsi bwa Tanzaniya Bwagirizwa Kuburabuza Abatavuga Rumwe Nabwo


Prezida wa Tanzaniya
Prezida wa Tanzaniya

Muri Tanzaniya, abantu bataramenyekana bakubaguye bongera barakomeretsa cane uwitwa Aisha Machano, ajejwe gutanga amakuru mu gisata c’abakenyezi mu mugambwe CHADEMA, uza imbere mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihugu.

Inyuma yo ku mukubagura bakanamukomeretsa, baciye baja kumuta mw’ishamba. Umugambwe CHADEMA uvuga ko yatabarijwe n’abanyonga amamoto bamusanze mw’ishamba amerewe nabi cane, baca bamunyarukana kwa muganga.

Uwo mugambwe ubandanya kuvuga ko yanyururijwe mu gisagara citwa Kibiti kiri mu buseruko bwa Tanzaniya, iyo yari yagiye mu rugendo rw’akazi.

Abamunyuruje bamubajije uwatanze itegeko ryo “guturira impuzu prezida wa Tanzaniya Madamu Samia Suluhu Hassan yatanze ku munsi wahariwe abagore mu 2023”. Bemeza ko izo mpuzu zatuririwe mu karere ka Kilimanjaro.

Polisi ya Tanzaniya yasavye abanyagihugu gutekana igira iti: “ Mu kurindira ko amatohoza twatanguye yerekana ivyamushikiye, ababikoze n’igituma babikoze, dusavye ko abantu batekana. Ababigizemwo uruhara bose bazohanwa vy’akarorero.”

Aisha Machano abaye umutegetsi wa kabiri wo mu mugambwe CHADEMA anyurujwe mu kiringo kiri munsi y’amezi abiri. Mu kwezi guheze, ikiziga ca Ali Kibao yari mu nzego nyobozi z’uwo mugambwe catowe i Dar es Salaam, biboneka ko yaturijwe acide mu maso kandi yahohotwe. Yari yanyurujwe n’abantu bivugwa ko bari bambaye impuzu z’igisirikare.

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Tanzaniya bemeza ko ubutegetsi bwa Madamu Samia Suluhu Hassan buriko bwibasira abatavuga rumwe nabwo mu ntumbero yo kubaburabuza imbere y’amatora ategekanijwe mu kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uza. Ibi vyagirji ub tegetsi bwa Tanzaniya buvyamirira kure (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG