Uko wahagera

Isirayeri Yatangaje ko Yishe Umusirikare Akomeye w'Umurwi Hezbollah muri Libani


Igisirikare ca Israyeri catangaje ko uwo mutegetsi mu vya gisirikare w’umurwi Hezbollah yishwe, yitwa Hussein Awada. Cavuze ko yagize uruhara mu bitero vya rokete ku butaka bwa Israyeri.

Uyu musi kandi, Israyeri yategetse abantu baba mu bice bimwe bimwe vya Libani kuhava. Yavuze ko bategerezwa kuva muri ivyo bice kubera vyegereye ibibanza abarwanyi b’umurwi Hezbollah bakoreramwo. Ivyo bice birimwo Saraaine, Tamnine na Safri.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwa Libani nabwo bwatangaje ko ibitero vy’indege z’ingwano Israyeri yakoze ku musi wa gatatu vyishe abantu 16 mu gisagara ca Nabatieh kiri mu bumanuko bwa Libani, harimwo umukuru w’ico gisagara, binakomeretsa abandi barenga 50.

Abategetsi ba Libani bariyamirije ico gitero. Bavuze ko vyerekana ko Israyeri muri iki gihe itariko ihiga umurwi Hezbollah, ko ah’ubwo iriko ihiga abanyagihugu ba Libani. Yamara umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Yoav Gallant yatangaje ko Israyeri itazohagarika ibitero vyayo ku murwi Hezbollah.

Inteko za Israyeri kandi ku musi wa gatatu zarakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu bice vyo mu bumanuko biri ku nkengera y’umurwa mukuru Beyirute.

Israyeri yatangaje kandi ko rokete zirenga 50 zarashwe, ku musi wa gatatu, ku butaka bwayo zivuye muri Libani. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG