Uko wahagera

CPI Igiye Gutangura Amatohoza ku Mabi Akorerwa muri Kongo


Umushikirizwamanza mukuru wa CPI, Karim Khan.
Umushikirizwamanza mukuru wa CPI, Karim Khan.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, igiye gusubira gukora amatohoza ku vyaha bitandukanye vyakorewe muri Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Umushikirizwamanza mukuru wa CPI, Karim Khan, yavuze ko amatohoza agiye gukorwa kuri Kongo azoshimikira ahanini ku mabi bikekwa ko yakorewe mu ntara ya Kivu ya Ruguru kuva mu 2022.

Karim Khan avuga ko amabi yoba yakorewe muri iyo ntara arimwo ivyaha vy’intambara na ndengerabutungane. Yavuze ko ari amatohoza azokwerekana uruhara rw’abatandukanye bayegekwako.

Uwo mutegetsi muri CPI abandanya gusigura ko intambara iri muri Kongo, ifise imizi mu 2002, igihe CPI yatangura gukora amatohoza kuri ico gihugu.

Amatohoza ya CPI muri Kongo agiye gusubira kuba inyuma y’uko mu kwezi kwa gatanu ko mu 2023, reta ya Kongo yasavye ko haba amatohoza yimbitse ku co ico gihugu cita “ubusahuzi bukorwa mu rwenge n’abasirikare b’u Rwanda n’umurwiwa M23 mu buseruko bwa Kongo.” (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG