Kenya izorungika abandi bapolisi muri Hayiti, inyuma y'ibitero bishasha vy'imirwi y'inkozi z'ikibi muri ico gihugu. Prezida wa Kenya, William Ruto ni we yatangaje iyo nkuru kuri uyu wa gatanu, igihe umushikiranganji wa mbere wa Hayiti, Garry Conille, yari mu rugendo muri Kenya rufisde intumbero yo kwihutisha irungikrwa vry’inteko zijejwe kugarukana umutekano mu gihugu ciwe.
Ibihugu bitari musi ya 10 vyaremeye kurungika inteko zigera ku 2.900 muri Hayiti zizoba ziyobowe n’igihugu ca Kenya. Yamara gushika ubu inteko 430 ni zo zonyene zimaze kurungikwa muri Hayiti kuva ico gikorwa gitanguye mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. Hafi y’inteko 400 muri zo zituruka muri Kenya.
Prezida wa Kenya, William Ruto, yabwiye abamenyeshamakuru, ko kurungika inteko muri Hayiti biriko bituma umutekano usubira kugaruka muri ico gihugu. Ruto yatangaje ko bategerezwa gutsinda urugamba rwo kurwanya imirwi y’inkozi z’ikibi muri Hayiti.
Yasiguye ko abandi bapolisi 600, Kenya yemeye kurungika muri Haiyiti bariko barimenyereza muri iki gihe. Yavuze ko bazoba biteguye mu kwezi kuza. Muri ico kiganiro yashikirije Ruto yari kumwe n’umushikiranganji wa mbere wa Hayiti, Garry Conille. Uyu yashimagije uruhara igipolisi ca Kenya cagize mu gutuza ubwicanyi bushasha bwakozwe n’imirwi y’inkozi z’ikibi mu ndwi iheze muri Hayiti.
Forum