Uko wahagera

Isirayeri Ishobora Kuba Yishe Uwari Kuba Indongozi ya Hezbollah


Hashem Safieddine
Hashem Safieddine

Igisirikare ca Isirayeri kirabandanya kugaba ibitero muri Libani. Ku ncuro ya mbere, uno munsi cagavye ibitero vy’indege mu gisagara ca Tripoli kiza ubwa kabiri muri Libani. Iki gisagara ni nkoramutima mu butunzi bwa Libani.

Amakuru ava ku rubuga yemeza ko mu baguye mu bitero vy’I Tripoli, harimwo umutegetsi w’umurwi wa Hamas, umugore wiwe, n’abana biwe babiri. Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, rivuga ko uwu muryango wahitanywe n’igitero Isirayeri yagavye kw’ikambi y’impunzi y’abanyepalestina iri I Tripoli. Ntaco Isirayeri iravuga kuri ano makuru yemejwe na Hamas.

Isirayeri yateye kandi ibibombe ku murwa mukuru wa Libani I Beyerute. Ni mugihe ingabo z’ico gihugu zahize ko zibwirizwa kwinjira mu bumanuko bwa Libani.

Hagati aho, kuva ejo ku wa gatanu, nta wuzi irengero rya Hashem Safieddine, afatwa nk’uwushobora kugenwa nk’indongozi nkuru y’umurwi wa Hezbollah, inyuma yaho Isirayeri igandaguriye Sayyed Hassan Nasrallah yari amaze imyaka myishi atwara uwo murwi wo muri Libani.

Abajejwe umutekano muri Libani batangaje ko bakeka y’uko Hashem Safieddine ashobora kuba yaguye mu bitero Isirayeri yagavye ejo ku wa gatanu I Beirut. Ibikorwa vyo kurondera abantu bose baguye muri ivyo biteri biracabandanya. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG