Uko wahagera

Ubufaransa Bwiyamirije Isirayeli Yankiye Umunyamabanga wa ONU Kuhinjira


Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres

Ubufransa, kuri uyu kane, bwiyamirije ingingo ya Israyeri yo gutangaza ko idashaka umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, kandi ko atarekuriwe gukandagiza ikirenge ku butaka bwayo, ari ingingo itagira insiguro.

Mw’itangazo, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubufransa, bwatangaje ko Ubufransa bubabajwe n’ingingo idafise insiguro, kandi itubaka Israyeri yafashe yo kuvuga ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, itamwemera kandi atarekuriwe guhonyoza ikirenge ku butaka bwayo.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko abategetsi b’Ubufransa bashigikiye bivuye inyuma kandi bafitiye icizere gikomeye Antonio Guterres. Bwongeye buvuga ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagize uruhara rukomeye cane ku bijanye n’umutekano mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, ryavuze ko Ubufransa bubandanya gushira imbere amategeko ishirahamwe ONU rigenderako, amategeko mpuzamaungu n’akamaro ku kwubaha ingingo z’urwego rwa Amerika rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi ku bijanye n’amahoro n’umutekano kw’isi.

Ku musi wa gatatu, Israyeri yatangaje ko itemera kandi idashaka umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, mu kumwagiriza ko yanse kwiyamiriza ibitero vya misile irani Irani yakoze ku butaka bwayo.

Israyeri imaze igihe inebagura bikomeye ishirahamwe ONU. Imigenderanire hagati yayo n’iryo shirahamwe yaratosekaye kurushiriza inyuma y’ibitero umurwa Hamas wakoze ku butaka bwayo kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG