Mu Burundi, abagize inama nshingamateka baranegura uburyo ubutunzi bw'igihugu busahurwa mu makomine, ndetse n’iyo abayarongoye bafashwe ntibahanwe. Ivyo babishikirije kuri uyu wa gatatu mu nama nshingamateka y’Uburundi.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano ni we yari yahamagajwe kwishura ku bibazo bihanze igisata c'amakomine ku bijanye n’ubutunzi ndetse n’ibindi bikorwa bihakorerwa. Ivyo birimwo n’ingene bashiraho inzego n’uko bazikurikirana.
Nk’uko biboneka muri raporo y’imirwi yo mu nama nshingamateka, mu bibazo bihanze menshi mu makomini harimwo kuterekana ingene amafaranga ya komine akoreshwa, kudatanga inyemezabwishu ijanye n’ivyakozwe, ubusuma bwa bamwe mu ndongozi za komine, no kudakurikiranwa.
Mu vyabajijwe ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, harimwo icoba gikorwa kubategerezwa gutunganiriza abanyagihugu komine barongoye. Umushikiranganji w’intwaro ya hagati mu gihugu n’iterambere rusangi Martin Niteretse yishuye ko abatakoze neza babogozwa mu mabanga, abandi bagahabwa ibindi bikorwa muri reta.
Aha ni ho abashingamateka bahera babaza umushikiranganji Niteretse yari yatumiwe kuri uyu wa gatatu impamvu badahabwa ibihano bikwiriye kuko harimwo n’ababa bagize uruhara mu gusahura komine.
Abo bashingamateka babandanya bavuga ko bafise impungenge no kuri abo barongozi mu makomine kuko hashobora kuba hakoreshwa ka mwana wa mama kumvo za politike mu kubaha ayo mabanga.
Kuri ibi bibazo umushikiranganji w’intwaro ya hagati mu gihugu n’iterambere rusangi Martin Niteretse yari yitavye inama nshingamateka yasiguye ko abo binanira mu kazi atari impamvu z’uko bashitse muri ako kazi.
Ku bijanye n’uko ikibazo co kwegeranya ubutunzi bwa komine cotorerwa umuti, ubushikiranganji bujejwe intwaro bwamenyesheje muri iyo raporo ko hateguwe uburyo bushasha buzokoreshwa bwo kwifashisha ubuhinga bwa none mu kwegeranya amafaranga ya komine ata muntu ayafashe mu minwe.
Abashingamateka bakibaza ukuntu bizoshoboka kandi Uburundi buhanzwe no kutagira umuyagankuba ukwiye ndetse menshi mu makomine yo mu ntara za ruguru harimwo ayatagira umuyagankuba. Umushikiranganji Martin Niteretse yishura kuri ico kibazo, yasiguye uko biriko biratunganywa mu kubitorera inyishu.
Amakomine yagendewe n’imirwi yamaho y’abashingamateka muvyo ijejwe harimwo intwaro ibereye, imigambi y’igihugu n’ubutunzi hirya no hino mu gihugu arimwo Ngozi, Kayanza, Kayogoro, Kirundo, Makamba na Rutana.
Abashingamateka basaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu gukwirikiranira hafi abakozi muri komine baba barangije manda yabo canke bakuwe mu mabanga, kubanza gutanga raporo igaragara neza kubamusubiriye kugira ntihabeho gutanako amakosa.
Forum