Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa kabiri, yashikirije inama rusangi y'ishirahamewe ONU, ijambo ryiwe rya nyuma ari Prezida wa Amerika
Ijambo rya Prezida Biden ryashimikiye cane ku bibazo bihanze amakungu muri iki gihe. Yavuze ko yabonye ibitari bike mu kiringo kirekire yamaze muri politike.
Yavuze ko naho hari ibibazo bitari bike kw’isi muri iki gihe, bitamuca inkokora kandi ko afise icizere ko ibintu bishobora guhinduka bikagenda neza.
Prezida Biden yasavye abategetsi b’ibihugu vyo mu makungu kwibuka ko hari ibintu bimwe bimwe bifise akamaro kurusha kuguma ku butegetsi. Yasavye abategetsi bari muri iyo nama kutigera bibagira abo baserukira.
Ku bijanye n’akarere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi, Prezida Biden yatangaje ko abona ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas hamwe no kurekura abagizwe imbohe ashobora gupfundikwa vuba.
Yavuze ko kuva umurwi Hamas ukoze ibitero kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye kuri Israyeri, reta yiwe n’abategetsi b’ibindi bihugu bakorana bakoze ibishoboka kugira intambara ntitandukire akarere kose.
Yamara yatangaje ko umurwi Hezbollah wifatanije n’umurwi Hamas mu kurasa rokete ku butaka bwa Israyeri. Yavuze ko ingwano ikomeye mu karere ata numwe yogirira akamaro.
Ku bijanye n’ingwano muri Ukraine, Prezida Biden yasavye amakungu kwifatanya na Ukraine.
Kuri uyu wa kabiri, Prezida Biden yavuze ko Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yananiwe gushika ku vyo yashaka: Yavuze ko Ukraine kikiri igihugu cigenga, kandi ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ihabari Atlantike, OTAN rikomeye kandi ryunze ubumwe kurusha imbere y’aho. Yasubiye kuvuga ko imigenderanire ikomeye cane n’ibihugu bicuditse na Amerika biri mu nyungu zikomeye z’igihugu ciwe. (CBS)