Igipolisi muri Tanzaniya, kuri uyu wa mbere, cahagaritse abategetsi 2 b'umugambwe utavuga rumwe na reta, CHADEMA, nk'uko vyatangajwe n'uwo mugambwe hamwe n'igipolisi. Hari mu ntumbero yo guhagarika imyiyerekano yo kwiyamiriza reta ku murwa mukuru w'ubutunzi, Dar es Salaam.
Umuyobozi mukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta, CHADEMA, Freeman Mbowe, yahagaritswe ari mw’ibarabara, mu gihe icegera ciwe, Tundu Lissu yahagarikiwe ku muhana iwe.
Hari imbere y’imigambi yo gukora imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi n’ukunyuruza abatavuga rumwe na reta bikorwa na reta.
Abaharanira agateka ka muntu batangaje ko Reta ya prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, iriko itoteza abatavuga rumwe na yo imbere y’amatora yo mu makomine no ku mitumba, azoba mu kwezi kw’icumi na kabiri, hamwe n’ayazoba ku rwego rw’igihugu mu mwaka uza w’i 2025.
Igipolisi catangaje ko mu bantu 14 bahagarittswe harimwo Freeman Mbowe na Tundu Lissu kubera batubahirije itegeko ribuza imyiyerekano.
Ntaco Reta ya Prezida Samia Suluhu Hassan yabivuzeko buno nyene. Yamara imbere y’aho iyi reta yatangaje ko ikingira demokraasi kandi itihanganira abafata abantu bunyamaswa.
Umugambwe CHADEMA watangaje ku rubuga Twitter ko Mbowe yahagaritswe mu gice citwa Magomeni ku murwa mukuru w’ubutunzi wa Tanzaniya, Dare es Salaam, igihe yari ashitse avuye kuyobora imyiyerekano yabaye mu mahoro.
Abapolisi bari mu mudoka 11 bahagaritse Tundu Lissu zigenda, ariko nibavuze iyo bamujanye.
Abo bategetsi babiri b’umugambwe, CHADEMA,baharagaritswe biyongera ku bandi babashigikiye amajana n’amajana bahagaritswe mu kwezi guheze. (REUTERS)
Forum