Uko wahagera

Muri Sudani Leta na RSF Bavuga ko Bemera Imigambi yo Guhagarika Ingwano


Jenerali Abdel Fattah al-Burhan uyoboye Sudani
Jenerali Abdel Fattah al-Burhan uyoboye Sudani

Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, ayoboye reta mfatakibanza muri Sudani yatangaje kuri uyu wa gatatu ko aciteguriye inyishu zose zifise umugambi wo guhagarika ingwano mu gihugu.

Jenerali, Mohammed Hamadan Dagalo ayoboye inteko zishaka kwiyonkora kuri reta, zizwi kw'izina arya RSF, na we, yashikirije itangazo nk'iryo uno musi ku wa kane.

Abo bajenerali babiri batana mu mitwe batangaje ivyo inyuma y’uko Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden abateye akamo ko gusubira mu biganiro.

Mohammed Hamdan Dagalo ayoboye abashaka kwiyonkora kuri reta ya Sudani yatangaje ko abandanya gushigikira imigambi yo guhagarika ingwano, kandi ko yemera ko inzira y’amahoro ica mu biganiro, idaca mu ngwano n’ubwicanyi.

Dagalo yavuze ko ku ruhande rwiwe, azobandanya gushira imbere inzira y’amahoro kugira Sudani izogire kazoza katarangwa n’ubwoba n’ububabare bw’abanyagihugu bose.

Yamara, abo bategetsi bompi baragiranije ko bananiwe guhagarika intambara yahitanye abantu barenga 12.000, kuva itanguye mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2023. Uruhande rumwe rwagiriza urundi ko ruterekanye intambwe ziboneka zigenewe gushika ku mahoro.

Umutegetsi ayoboye Reta mfatakibanza ya Sudani, Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, yatangaje ko biteguriye gukorana n’impande zose zo mu makungu kugira barondere inyishu iciye mu mahoro mu gihugu ciwe, mu ntumbero yo kugabanya ububabare bw’abanyagihugu kandi bitume igihugu kija mu nzira y’iterambere. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG