Uko wahagera

Inteko za Ukraine Zasambuye Misile na Drone 42 Byarashwe n’Uburusiya


Igisirikare ca Ukraine catangaje ko inteko zaco zirwanira mu kirere zasambuye misile na drone 42 byarashwe n’Uburusiya mu bice bitandukanye vy'igihugu.

Ku rundi ruhande, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwavuze ko bwasambuye drone 2 zari hejuru y’intara ya Kursk n’iyindi drone yari hejuru y’intara ya Belgorod.

Ibitero impande zompi zitana mu mitwe zakoze vyabaye umusi umwe inyuma y’uko drone ya Ukraine isambuye ikibanza kibikwamwo ibirwanisho mu ntara ya Tver mu Burusiya. Ico gitero catumye umuriro ukomeye waduka, ababa mu karere kari hafi yaho bategerezwa kuhava.

Bulamatari w’intara ya Tver, mu butumwa ku rubuga Twitter, yavuze ko drone za Ukraine zasambuwe, ko ibintu muri iki gihe vyasusbiye mu buryo.

Mw’ijambo yashikirije mww’ijoro ryashiriye kuri uyu wa kane, ntaco Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yavuze ku buryo butomoye ku gitero ca drone inteko z’igihugu ciwe zakoze mu ntara ya Tver, mu Burusiya.

Yamara yavuze ko bashitse ku kintu gikomeye cane ku butaka bw’Uburusiya cagabanije inguvu z’umwansi.

Forum

XS
SM
MD
LG