Uko wahagera

Imirwi ya Kiyislamu Yakoze Ibitero vyo Kwihora muri Burkina Faso


Imirwi ya Kiyislamu yitwaje ibigwanisho yakoze ibindi bitero vyo kwihora mu gihugu ca Burkina Faso.

Ni ibitero vyo kwihora abanyagihugu batuye mu mihana yanse kwemera kwinjira muri iyo mirwi, canke bikekwa ko bakorana n’abasirikare ba reta, nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, uyu musi ku wa gatatu.

Igihugu ca Burkina Faso kirongowe n’akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri kudeta, kimaze igihe gihanzwe n’imirwi ya kiyislamu yigumuye, ikorana n’imirwi Al-Qaida na Islamic State.

Iyo mirwi yinjiye muri Burkina Faso, ivuye mu gihugu ca Mali mu myaka 10 iheze.

Umusirikare arongoye igihugu ca Mali, Ibrahim Traore yarateye akamo abasivile kabasaba kugira uruhara mu kugwanya iyo mirwi yigumuye.

Yarinjije kandi mu mirwi ya gisirikare abantu ibihumbi n’ibihumbi bavyisabiye. Vyongeye, mu misi iheze, yarasavye abasivile kwimba ibinogo vyo kugwanirizamwo iyo mirwi.

Iyo mirwi na yo, yaciye yongereza ibitero vyo kwihora no kwica abasirikare, nk’uko bitangwazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu, Human Rights Watch.

Forum

XS
SM
MD
LG