Uko wahagera

Burundi: Igiciro c'Isukari Caduze Kugera ku Mafaranga 8000 Ikiro


Mu Burundi, ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari ryaraye ridugije igiciro. Kilogarama imwe yahora igurwa amafaranga y’Amarundi 3,300 yadugijwe kugera ku 8,000. Abanyagihugu bakiriye nabi iyo ngingo ya SOSUMO. Basaba reta gucungera ishingwa ry’ibiciro ku nyungu y’abo irongoye.

Muri SOSUMO bavuga ko kuduza isukari ahanini vyatewe n’uko na bo ibikoresho bakura hanze vyaduze ku rugero runini cane.

Aloys Ndayikengurukiye, arongoye iryo hinguriro, avuga kandi ko kubona reta yaremereye abandi badandaza kuzana isukari mu gihugu, bakayigurisha amafaranga arenga 10,000, navyo biri mu bituma isukari y’Uburundi iduga igiciro.

Umviriza ido n’ido muri ino nkuru y’umumenyashamakuru Desire Hatungimana:

Burundi: Isukari Igiye Kugurishwa Amafaranga 8000 Ikiro
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:44 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG