Uko wahagera

Mu Burundi Haravugwa Ikena ry'Imiti n'ibiciro Bibandanya Biduga


Ikene ry'imiti mu Burundi
Ikene ry'imiti mu Burundi

Mu Burundi ibiciro vy'imiti yo kuvura abarwaye bibandanya biduga, ndetse n’imiti ikabura ku rugero rudasanzwe n’kuko bivugwa n’abagize inama nshingamateka, bavyiboneye mu ngendo bagize mu ntara zitandukanye z’ubuvuzi, baraba uko ico kibazo cifashe.

Bavuga ko n'abafise ikarata yo kwivurizako ikoreshwa n’abakozi ba reta n'abandi, usanga basa n’abirihira amafaranga yose.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buri kumwe n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo agateka ka zina muntu, bavuga ko ico kibazo bariko barakironderera umuti.

Ivyo ni vyo vyahagurukije abashingamateka bagize komisiyo ihoraho ijejwe ivy’imibano n’agateka ka zina muntu, baja kuraba uko ico kibazo cifashe mu ntara no mu turere dutandukanye tw’ubuvuzi mu gihugu hose.

Abo bashingamateka basanze ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba reta Mutuelle de la Sante Public rihanzwe n’ikena ridasanzwe ry’imit; iyibonetse nayo ikaba izimvye k’urugero rudasanzwe.

Inyuma yo kubona ivyo bibazo, Inama nshingamateka yaciye ihamagaza abarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’abo mu bushikiranganji bujejwe gushigikirana n’agateka ka zina muntu kuri uyu wa kane mu ngoro y’inama nshingamateka kugira bashikirize ikibazo aho kiva n’inyishu ziramvye ziriko ziratunganywa.

Mu vyashikirijwe n’ubwo bushikiranganji bwose harimwo uburyo budatunganije neza bwo kugura imiti kugeza ishikiriye abo igenerwa, ari bo barwayi, aho usanga ikigo CAMEBU cahawe isoko ryo kugura imiti mu Burundi n’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi Mutuelle de la Sante Public hari ivyo badahurizako.

Ikena ry'imiti yo kuvura abarwaye n'ibiciro biri hejuru mu Burundi .mp3
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:10 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG