Uko wahagera

Venezuela Yapfunze Umusirikare w'Amerika


Umusirikare yanonosoye ubuhinga bwo kurwanira mu mazi w'Umunyamerika arapfungiwe muri Venezuwela. Iyo nkuru yatangajwe, kuri uyu wa gatatu n'abategetsi ba Amerika.

Abategetsi ba Amerika batangaje ko uwo musirikare yahagaritswe muri Venezuela igihe yari mur’ico gihugu mu rugendo yagize ku giti ciwe.

Impamvu yatumye atabwa mu mvuto ntiramenyekana. Televiziyo ya Amerika, CNN, ni yo yatangaje ubwa mbere ayo makuru y’ihagarikwa ryiwe.

Imigenderanire hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Venezuela ntimeze neza na gato muri iki gihe. Reta zitari nke zakwirikiranye muri Amerika zaragerageje kuremera Reta ya Venezuela kugira igwanye bikomeye ikibazo ca ruswa.

Venezuela yaratunganije amatora mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka. Yamara Reta ya Prezida Biden ntiyemeye ivyavuye muri matora, yagumije ku butegetsi, Prezida Nicolas Maduro.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, mu kwezi w’umunani bwavuze ko Nicolas Maduro n’abamuserukira bivye amatora, batangaza intsinzi bataronse, bongera babandanya igikorwa co gukandamiza abatavuga rumwe nabo kugira babandanye kugumana ubutegetsi.

Ubwo bushikiranganji bwaragabishije Abanyamerika kutagendera Venezuela, kubera gupfunga abantu mu buryo budaciye mu mategeko hamwe n’iterabwoba birangwa muri ico gihugu (CBS).

Forum

XS
SM
MD
LG