Abikekwa ko ari abarwanyi b'umurwi Boko Haram bishe abantu batari musi ya 37, baraturira inzu n’imangazini mu mihana iri muri Reta ya Yobe mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.
Ababa ahabereye ico gitero co ku musi w’Imana batangaje ko igitigiri c’abapfuye gishobora kuba kiri hejuru kurushiriza. Ni mu gihe hari abataratorwa mu baba muri iyo mihana, ico gitero cabereyemwo.
Abanyanijeriya ibihumbi n’ibihumbi barishwe, abandi barenga imiliyoni 2 barava mu vyabo. Umuvugizi w’igipolisi co muri Reta ya Yobe, Dungus Abdulkarim, yatangaje ko igitero cakozwe mu mihana y’ahitwa Mafa, gisa n’igitero co kwihora. Umurwi Boko Haram wagiriza abajejwe gucungera umutekano muri iyo mihana ko ari bo bishe abarwanyi bawo.
Umuvugizi w’igipolisi, Dungus Abdulkarim, yavuze ko abo yise “inkozi z’ikibi zikora iterabwoba” bishe abantu batari bake. Yamara yavuze ko igitigiri nyakuri c’abishwe kitaramenyekana.
Modu Mohammed, aba ahabereye igitero c’umurwi Boko Haram, yavuze ko irengero ry’abantu batari bake baba mu mihana cabereyemwo, ritazwi, kandi ko igitigiri c’abapfuye kirenga 100. Yavuze ko bimwe mu biziga vy’abapfuye biri mu mashamba. (AFP)
Forum