Amashirahamwe yigenga akorera mu gisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi arimwo mpuzamakungu yemeza ko ikibazo c’abanyagihugu banyuruzwa n’inzego zirimwo iz’iperereza n’abajejwe intwaro kicibonekeza muri ico gihugu.
Amwe muri ayo mashirahamwe arimwo FOCODE, rikora amatohoza yimbitse kuri iki kibazo biciye mu mugambi waryo Ndondeza. Ishirahamwe FOCODE ryemeza ko abo ryamenye kuva Prezida Evariste Ndayishimiye agifata ubutegetsi ari n'imiburiburi 120.
Raporo nshasha ya FOCODE ivuga ko mu mezi atandatu ya mbere y'uwu mwaka wa 2024, abo iryo shirahamwe ryamenye ko baburiwe irengero ari 25.
Pacifique Nininahazwe atwara FOCODE yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ikibabaje kikanatera amakenga ari uko umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, mu vyegeranyo umaze gukora bigera kuri 5 kuva mu mwaka w’2019, ata na hamwe wigeze ugira ico uvuga ku baburirwa irengero
Ni mu gihe guhera muri uyo mwaka wa 2019, ishirahamwe FOCODE ryemeza ko ryamenye abantu 166 banyurujwe n’inzego z’igihugu bakaburirwa irengero.
Amwe mu mashirahamwe akorera mu Burundi arimwo nka ACOPA Burundi na FOLUCON F ryishinze guterera mu gutsimbataza amahoro arama mu Burundi avuga ko raporo ziriko zirasohoka muri kino gihe zivuga ku bibazo vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi ari ibigamije gucafuza ico gihugu no gutoba amatora yimirije.
Umwe mu bari mu yandi mashirahamwe atashimye kuvugira kuri micro z'Ijwi ry'Amerika, yiyamirije abavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu Burundi agira ati: " Ababibona uko, ni babandi bari mu mashirahamwe ari mu kwaha kwa Reta iri ku butegetsi. Ni nde murundi atabona ko mu Burundi ata burenganzira bwa muntu bukiharangwa?
Hagati aho, Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa muntu, Amnesty International, naryo riherutse gusohora raporo yerekana ko abaharanira agateka ka zina muntu babangamiwe cane mu Burundi ndetse n’abanyagihugu ata mwidegemvyo bafise.
Amnesty International itanga uturorero ko mu myaka 4 iheze Prezida Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi, abenshi bafungiwe ubusa, abandi baricwa ndetse abandi baraburirwa irengero hamwe n’abahunze igihugu.
Iryo shirahamwe ribona ko amajambo umukuru w’igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye ahora ashikiriza mu gisata c’agateka ka zina muntu atigera ajana n’ingiro.
Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ntaco washimye kuvuga ku vyegeranyo bitandukanye bivuga ku kibazo c'ababurirwa irengero mu Burundi. Eka n'abari muri Reta Ijwi ry'Amerika ryarondeye kugira bagire ico bavuze ntibadukundiye.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye.
Forum