Uko wahagera

Uburusiya na Senegale Baganiye Ku Mutekano n’Iterambere


Sergei Lavrov
Sergei Lavrov

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Senegale, yabonanye na mugenzi we w'Uburusiya, Sergei Lavrov, i Moscou. Baganiye ibibazo vyerekeye umutekano n'iterambere.

Abo bategetsi bompi, bahuriye i Moscou kuri uyu wa kane, bashimikiye mu biganiro vyabo ku bibazo bijanye n’indero, imitahe n’amasoko ntanganguvu. Ikibazo cerekeye umutekano muke urangwa mu karere ka Sahel naco nyene caganiwe.

Mu kiganiro bahereye hamwe abamenyeshamakuru, Sergei Lavrov, yasubiye kumenyesha ko Uburusiya bwiteguriye guha Senegale n’ibindi bihugu vyo muri Afrika imfashanyo ya gisirikare. Yavuze ko iyo mfashanyo izokomeza kurushiriza uburyo bwo kwivuna umwansi n’imirwi ikora iterabwoba

Hisunzwe ivyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reta y’Uburusiya, Tass, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Senegale, Yacine Fall yasavye ko igihugu ciwe gikorana n’Uburusiya mu bisata vyerekeye ifumbi n’ubuhinga bwa none. Vyitezwe ko inama ihuza abajejwe imirimo y’ubudandaji ba Senegale n’Uburusiya, izoba mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka. (Africanews)

Forum

XS
SM
MD
LG