Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Joe Biden, ariteguriye kugirana ibiganiro na Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping mu ndwi ziri imbere.
Jake Sullivan, umuhanuzi akomeye wa Prezida Biden, yabitangaje, kuri uyu wa kane, igihe yabonana na Prezida Xi Jinping mu biganiro biba gake, ku murwa mukuru, Beijing.
Sullivan ni umuhanuzi wa mbere ajejwe ibibazo vy’umutekano w’ibiro vya Prezida Biden agendeye Ubushinwa kuva mu mwaka w’i 2016.
Yabonanye na Prezida Xi igihe yari arangije urugendo rw’imisi itatu rw’ibiganiro n’abategetsi b’Ubushinwa, ku murwa mukuru, Beijing.
Muri urwo rugendo yarabonanye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi n’abandi bategetsi bakomeye b’ico gihugu.
Sullivan yabwiye Prezida Xi Jinping, ko Prezida Biden azokora ibishoboka kugira uguhiganwa hagati y’igihugu ciwe n’Ubushinwa ntibivemwo intambara canke guhangana.
Yavuze kandi ko Biden azokorana na Xi aho basangiye inyungu zabo.
Itangazamakuru rya Reta y’Ubushinwa, ryavuze ko Prezida Xi yabwiye Sullivan ko naho hari ibintu bitari bike Ubushinwa budahuriyeko na Amerika, ivyo bihugu vyompi bigishobora kugirana imigenderanire myiza.
Prezida Xi yavuze ko igihugu ciwe kizokora ibishoka kugira imigenderanire hagati yaco na Amerika ibandanye mu nzira nziza.
Forum