Uko wahagera

Amnesty International Yagiriza Uburundi Guhohotera Abaharanira Agateka ka Zina Muntu


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa muntu Amnesty International ryashize ahabona raporo yerekana ko abaharanira agateka ka zina muntu babangamiwe mu Burundi.

Amnesty International itanga uturorero ko mu myaka 4 iheze Prezida Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi, abenshi bafungiwe ubusa, abandi baricwa ndetse abandi baraburirwa irengero hamwe n’abahunze igihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ribona ko amajambo umukuru w’igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye ahora ashikiriza mu gisata c’agateka ka zina muntu atigera ajana n’ingiro.

Umushakashatsi wa Amnesty International, Rachel Nicholson yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iryo shirahamwe ribabazwa n’abaharanira agateka ka zina muntu bafungirwa ubusa, abahohoterwa, abicwa, ababurirwa irengero abandi n’abo bagahitamwo guhunga igihugu.

Iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryerekana urutonde rw’abarenga 30, bafungiwe ubusa harimwo n’abamenyeshamkuru, mu kiringo c’imyaka 4 iheze.

Nicholson avuga ko iterabwoba abo bakorerwa ari nk’igikoresho co guhoza abandi bagenzi b’abo. Yemeza ko ifungwa n’ifungurwa ry’abo ari ku mvo za politike gusa kuko ataco baba bagirizwa gifadika.

Yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: " Si ibisanzwe ko umuntu afungwa azira iryo yavuze canke ivyo yanditse mu gihe bwari uburenganzira bwiwe. Ni co kimwe n’abamenyeshamkuru baha ijamwo bose, hamwe n’abafata iryo jambo n’ivyo bashikiriza ahandi hoho ni intwaro y’umukazo ya ‘ryogora nkwereke’. Ni co gituma tubona ko mu vyotuma icuka gisubira kuba ciza hagati ya reta n’abaharanira agateka ka zina muntu, zirya manza zaciriwe abatahari ngo n’uko bagize uruhara mu myiyerekano zofutwa kuko n’uburenganzira bwabo. Ikindi ni ukureka abantu bagashikiriza iryo bagona badatinya kuhasiga agatwe”.

N’aho biri uko, amashirahamwe akorera mu gihugu yoyo ariyamiriza bene izo raporo nk’uko bivugwa n’Umuvugizi w’ayo Gérard Hakizimana asanzwe aserukira imbere y’amategeko “Folucon F” rigwanya ikimenyane na ka mwana wa mama.

Kuri micro y’Ijwi ry'Amerika, Hakizimana yerekana ko abakora bene ayo ma raporo ari ukwironderera akazi babibicishije mu gucafuza Uburundi. Ico bikoze, Amnesty International ritangaza ko hari ivyo gushima nko kurekura abamenyeshamakuru nka Floriane Irangabiye, abaharanira agateka ka zina muntu nka Germain Rukuki, Tony Nkina n’abandi.

Yamara, Rachel Nicholson wa Amnesty International abona ko gushima bidakuraho ko abo bari bafungiwe ubusa. Nk’umuti iryo shirahamwe ritanga, harimwo gufungura abasigaye mu buroko, no gufuta imanza zo gufungwa ubuzima bwabo bwose zaciriwe abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru 12 bagirizwa intureka za politike zo mu mwaka w’2015.

Rachel Nicholson yabwiye Ijwi ry'Amerika ko “Igihe umukuru w’igihugu yaja ku butegetsi yashitse afungura abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, aratanguza isekeza ryo gufungura abafungiwe ubusa. Twari tuzi ko ari ingendo igiye kubandanya. Ariko nticabujijwe ko ku rundi ruhwande abagira ico bashikirije baterwa ubwoba abandi bakicwa harimwo n’abashingameteka. Ibi vyatumye guharanira agateka ka zina muntu no gushikiriza iciyumviro mu Burundi haba no mu binyamakuru biba nk’umuziro. N’abavuga ko baharanira inyungu z’abahuza ibitsina babisangiye ntiboroherewe na gato. Abo Bose bafungwa bagafungurwa ku kigongwe canke bejejwe bigaragaza ko ari ubutumwa buba buhawe bagenzi babo ko batosubira kurukura mu kanwa”.

Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ntaco washimye kuvuga kuri ico cegeranyo c’abashakasha ba Amnesty International. N’umuvugizi wa reta Jérôme Niyonzima ntiyadukundiye kugira ico ashikirije.

Fyonda hasi usome ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Amnesty International Yagiriza Uburundi Guhohotera Abaharanira Agateka ka Zina Muntu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:42 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG