Uko wahagera

Floriane Irangabiye Yagiriwe Ikigongwe  n’Umukuru w’Igihugu


Floriane Irangabiye
Floriane Irangabiye

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yaramaze imyaka hafi ibiri afunze kuri uno wa kane yaragiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu.

N’ingingo yakiranywe umunezero ntangere n’umuryango w’iwiwe, uw’abamenyeshamakuru n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Uwo mupfasoni w’umumenyeshamakuru muri Radiyo Igicaniro yagiriwe ikigongwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu No 100 ryo kuwa 14 ukwezi kw’umunani, umwaka 2024. Yaheruka gukatirwa gufungwa imyaka cumi na sentare nkuru ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura no gutanga ihadabu y’amafaranga y’Amarundi umuriyoni.

Abo bakorana muri Radiyo Igicaniro bati ni akamwemwe ntangere kubona uwo mumenyeshamakuru batasiba kuvuga ko yazira umwuga wiwe agirirwa ikigongwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu rihagarika ivyaha vyose yari yagirijwe. Jérémie Hatangimana avuga ko ari intsinzi ku mwuga wo kumenyeshamakuru.

Abamenyeshamakuru b’Abarundi bakorera mu mihingo itandukanye nabo nyene bakiriye neza iyo ngingo y’umukuru w’igihugu. Basaba ariko ko n’abandi bafungiwe ubusa borekurwa, imanza nazo zaciriwe abamenyeshamakuru batandatu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi zigafutwa.

Abandi bakiranye umunezero ingingo y’umukuru w’igihugu igirira ikigongwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ni abakenyezi. Justine Nkurunziza wo mu muhari Inamahoro ati ni umunezero udasanzwe kubona uwo mupfasoni agiye gusubira mu bibondo vyiwe.

Umuvukanyi wa Irangabiye naho atashimye kuvugira kuri mikoro zacu yamenyesheje Ijwi ry’Amerika ko ingingo y’umukuru w’igihugu yayakiranye umutima ushima.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:26 0:00

Floriane Irangabiye yari yafatiwe mu gisagara ca Bujumbura igenekerezo rya 30 ukwezi kw’umunani umwaka 2022 agiye mu rubanza rw’umuryango avuye mu gihugu c’u Rwanda aho yari asanzwe aba. Yaciye aja gufungirwa mw’iperereza ry’Uburundi, aho yavuye yagirizwa kuvogera imbibe z’igihugu no gukorana n’imigwi y’iterabwoba.

Irangabiye yavuye mw’iperereza yimurirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura aho yavuye yimurirwa mw’ibohero rikuru rya Muyinga mu buraruko bw’Uburundi. Amakuru yatangajwe ni uko muri iryo bohero yarakubaguwe n’abari bajejwe kuricungera bituma yimurirwa mw’ibohero rikuru rya Bubanza aho iyo nkuru nziza yaje imusanga.

Forum

XS
SM
MD
LG