Uko wahagera

Ibihumbi n'Ibihumbi vy'Abanyagihugu ba Sudani Bugarijwe n'Inzara


Muri Sudani, abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi bashobora gupfa mu gihe amakungu atobaronsa imfashanyo mu buryo bwihutirwa. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira ryasavye ibihugu kwihutira gutanga imfashanyo zigenewe abantu isinzi bavuye mu vyabo mu gihugu ca Sudani.

Iryo shirahamwe, kuri uyu wa kabiri, ryagabishije ko mu gihe ata cokorwa, abantu ibihumbi n’ibihumbi bohasiga ubuzima. Ryavuze ko ryaronse ibice 21 kw’ijana gusa ry’imfashanyo rikeneye zigenewe Abanyasudani basinzikaijwe n’intambara, inzara, indwara n’imyuzure. Vyatangajwe na Mohamed Refaat, ayoboye iryo shirahanwe muri Sudani.

Mohamed Refaat yatangaje ko amakungu atariko arakora ibihagije. Yavuze ko mu gihe amakungu atokorera hamwe agakemura ibibazo vy’imfashanyo mu maguru mashasha, abantu ibihumbi n’ibihumbi bashobora gupfa mu mezi ari imbere.

Umuntu umwe kuri batanu baravuye mu vyabo muri Sudani, imiliyoni 10 n’ibihumbi 700 barahungiye mu gihugu hagati, mu gihe imiliyoni 2 n’ibihumbi 300 barahingiye mu bindi bihugu, nk’uko amakuru atangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana abimukira abivuga.

Intambara muri Sudani yadutse mu kwezi kwa kane, mu mwaka w’i 2023, yarahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi yongera ituma ikibazo c’inzara gikomera mu gihugu. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG