Uko wahagera

Gineya Yashize Ahabona Integuro y'Ibwirizwa Shingiro Rishasha


Integuro y'ibwirizwa shingiro itegekanya ibiringo bibiri vy'umukuru w'igihugu yatangajwe muri Gineya.

Urwego rw’igihugu mfatakibanza ruyoboye Gineya rwashize ahabona integuro y’ibwirizwa shingiro rubicishije ku mbuga ngurukanabumenyi mu masaha ya kare yo kuri uyu wa mbere.

Bitegekanijwe ko haba itora kuri iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro mu mpera z’umwaka.Vyitezwe kandi ko iyo nteguro itanga uburenganzira bwo gutunganya amatora, ikanatuma igihugu kigaruka ku ntwaro igendera kw’ibwirizwa shingiro.

Iyo nteguro itegekanya ko haba inama nshingamateka na nkenguzamateka. Irimwo ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’i 2020, harimwo kuziririza igihano co gupfa n’uguca bimwe mu bice vy’irondoka vy’abapfasoni.

Iyo nteguro ivuga kandi ko uwo ari we wese ahagaritswe, atawe mu mvuto, canke yagirijwe ivyaha, ategerezwa kumenyeshwa impamvu ziba zatumye ahagarikwa.

Integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha itegekanya ibiringo bibiri vy’umukuru w’igihugu vy’imyaka 5, ku kiringo kimwe kimwe. Yamara ibintu ntibitomoye muri iyo nteguro ku bijanye na Jenerali Mamady Doumbouya ayoboye Gineya kuva kudeta ibaye mu mwaka w’i 2021.

Mu gihe amategeko agenga ikiringo mfatakibanza avuga ko Jenerali Mamady Doumbouya atazorekurirwa kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu matora yo muri kazoza, ivyo ntivyashizwe mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha. Ivyo bivuga ko ashobora kuba arekuriwe kwitoza. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG