Abahitanywe n’umurundo w’imyavu yegeranirizwa ahitwa Kiteezi ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, bageze kuri 21.
Polisi ya Uganda ivuga ko ibikorwa vyo kurondera abatazwi igitigiri boba bakiri munsi y’ibibomoke vy’amazu n’imyavu bibandanya.
Imvura imaze imisi irwa muri Uganda ni yo yatumye umurundo w’imyavu usenyukira ku mazu yegereye ico kibanza mw’ijoro ryo ku wa gatanu.
Prezida wa Uganda Yoweri Museveni abicishije mw’itangazo yavuze ko yahaye itegeko ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, vyo kwihutisha ibikorwa vyo kwimura abantu bose baba mu micungararo y’ikibanza cabereyemwo insanganya.
Reta ya Uganda yatangaje kandi ko yatanguye amatohoza yo kumenya icatumye vy’ukuri iyo micafu ihenukira ku mazu y’abanyagihugu. Umutegetsi wese azoba yaragize uruhara haba mu gufata minenerwe ingingo zari gukingira abanyagiuhugu bahuye n’akaga, azohanwa nkuko itangazo rya reta ya Uganda ribandanya kubivuga.
Abo polisi ya Uganda yemeza ko imaze gutabara ni 14 gusa. Umuvugizi wayo yavuze yamara ko , hari abandi bagoye kumenya igitigiri boba bakiri munsi y’ibibomoke vy’amazu n’imyavu.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gutabara imbabare kw’isi, Croix Rouge, ryaciye ryubaka amahema mu micungararo y’ahabereye iryo sanganya kugira abo amazu yabomokanye baronke aho baba barakika umusaya.
Haheze imyaka irenga 10 ikibanza carimwo uwo mwavu ari co conyene cegeranirizwamwo imyavu yose iva mu mihana itandukanye y’umurwa mukuru wa Uganda. Imyavu iri muri ico kibanza yarabaye myinshi ku buryo yahindutse nk’umusozi muremure.
Abanyagihugu baba mu micungararo y’ico kibanza bamaze igihe kirekire bidoga bavuga ko iyo myavu bemeza ko yonona ibidukikije ibabangamiye. Insanganya nk’izi zirakunda gushika ku mugabane wa Afurika. Nko mu 2018, umusozi w’imyavu wasenyutse ku murwa mukuru wa Etiyopiya wahitanye abantu 115. (REUTERS)
Forum