Abarundi baba mu gihugu ca Zambiya basaba ko ibihugu vyompi, Uburundi na Zambiya vyoganira kugira ngo Abarundi baba muri ico gihugu bareke guhigwa buhongo ndetse banoroherezwe mu kazi kabo baharangurira.
Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yagiriye mu gihugu ca Zambiya mu ndwi iheze, yarahuye n’Abarundi baba muri ico gihugu. Bamwe mu babonanye na we batubwiye ko bamushikirije ibibazo bimwe bimwe bifuza ko yoganirako na mugenzi we w’ico gihugu bikaronka inyishu kugira badahigwa kandi bafise n’ivyangomwa vyo kuhakorera.
Muri iyo nama, uwuserukira Abarundi baba muri Zambiya yavuze ko hari ibibazo bahura navyo umusi ku wundi vyo kutaronka uburenganzira bukwiye bwo gukorera muri ico gihugu.
Mw’izina rya bagenzi biwe, avuga ko bashimye cane ako karyo prezida yabahaye, aca amenyesha ko koba intandaro yo kubanisha abanyagihugu ku mpande zompi.
Mw’ijambo ryiwe, Prezida Ndayishimiye yabasavye kwigenza neza bityo batange ishusho nziza mu gihugu baturukamwo aca anabasaba kuba mu gihugu bakwije ibisabwa n’amategeko.
Perezida Ndayishimiye yabasavye kandi kwitura ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu igihe bafise akababakiye. Yaciye anatumirira abo bahaba ndetse n’abandi baba mu bindi bihugu kuza barahura n'imiburi buri mu mezi atandatu bakaganira.
Abaserukira abandi mu bindi bihugu babasavye kuza barashikiriza ibibazo abarundi bahura navyo buri ayo mezi atandatu ahereye kuri abo bo muri Zambiya.
Perezida Ndayishimiye yaciye ahamagarira abo barundi baba muri Zambiya kuza gushora imitahe yabo mu gihugu cabo ndetse banarate ivyiza vy’Uburundi muri ico gihugu n’abagwizatunga baho baronke inzira zogushorayo.
Mu rugendo rwa Perezida Ndayishimiye muri Zambiya yaragendeye inama nshingamateka y’ico gihugu. Yarabonanye kandi n’abarwizatunga bafise ibigo birwiza imbuto zirobanuye, abasaba kuza kuraba ko bokorana n’Uburundi nabwo arongoye.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye ari i Kigali mu Rwanda.
Forum