Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yarahiye ko hagiye gufatwa ingingo zihuta kandi zokomeye ku bantu bari mu myiyerekano muri ico gihugu.
Kuri uno musi wa mbere umushikiranganji mukuru w’Ubwongereza Keir Starmer yarahiye avuga ko hagiye gufatwa ingingo zihuta kandi zikomeye ku bantu bariko barakora iyo myiyerekano iriko iba mu bice bitandukanye vy’ico gihugu.
Umushikiranganji wa mbere yagiranye inama n’abashikiranganji ba reta, abayobozi b’igipolisi harimwo komiseri mukuru Mark Rowley. Baganiriye ku buryo botuza iyo myiyerekano yatanguye mu karere ka Southport, ku musi wa kabiri w’indwi iheze.
Ivyo bibaye inyuma yaho mu ndwi turangije abapolisi batari bake bakomerekejwe, abantu batari bake barafatwa n’igipolisi mu gihe bariko batana mu mitwe naco. Ni mu gihe kandi abagizi ba nabi muri iyo myiyerekano bariko baratera amabuye, baturira bakongera bagasahura amaduka, baranamena amadirisha y’imiduga n’ayamazu y’abantu.
Umushikiranganji Stamer yabwiye ibimenyeshamakuru yuko zimwe mu ngingo zavuye mu nama y’uno musi wa mbere, harimwo “kunagura ubutungane” kugira “ibihano vyihutishwe”.
Yavuze kandi ko hariho “Umugwi umeze magabo” wakoreshejwe imyimenyerezo y’igipolisi, witeguriye kurungikwa gufasha abapolisi mu gihe hokwaduka iyindi myiyerekano mishasha.
Iryo tana mu mitwe hagati y’abanyagihugu n’igipolisi yatanguye umusi umwe inyuma yaho abana b’abakobwa batatu bishwe, abandi bana batanu barakomereka basogoswe imbugita n’umwana w’imyaka 17 y’amavuko ufite abavyeyi biwe bakomka mu Rwanda.
Forum