Uko wahagera

UK: Imyiyerekano y'Abiyamiriza Ubwicanyi bw'Abana 3 "Bwakozwe n'Uwukomoka mu Rwanda"


Ibisagara vyinshi vy’Ubwongereza vyiriwemwo akajagari k’abiyerekana biyamiriza iyicwa ry’abana batatu bicishijwe imbugita mu ntango z’ino ndwi.

Polisi y’Ubwongereza ivuga ko bamwe mu bakozi bayo bakomerekeye muri iyo myiyerekano yakozwe ahanini n’abanyagihugu badashigikiye abimukira.

Imyiyerekano imaze imisi ine mu Bwongereza yatewe ahanini n’ibihuha vyakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, bivuga ko uwacumise imbugita abana abasanze aho bariko batamba imvyino kavukire yari umwimukira w’intagondwa y’umu Isiramu.

Polisi y’Ubwongereza n’ubutungane bw’ico gihugu vyahisemwo gutangaza imyidondoro y’umwana yakoze ubwo bubisha naho hari hasigaye iminsi mike ngo akwize imyaka imwemerera ko imyidondoro yiwe ija ku mugaragaro, kugira ituze ibihuha: Yitwa Axel Rudakubana. Akomoka ku bavyeyi b’Abanyarwanda. Mu minsi mike azokwiza imyaka 18.

Mw’itangazo polisi y’Ubwongereza yasohoye uno munsi ku wa gatandatu yagize iti: “ Abapolisi bacu bane bakomeretse igihe bari bahanganye n’imigumuko ikomeye”.
Bamwe mu biyerekanye, biyerekana batera amacupa arimwo inzoga, amagi n’ibindi bikoresho bishobora gukomeretsanya. Bononye n’ibibanza bimwe bimwe bikorerwamwo ubucuruzi.

Hari abateye abapolisi amabuye, baturira umuduga umwe, abandi bayatera ku misigiti isengeramwo aba Isiramu. Hari n’abakije imbeya z’umuriro imbere ya bimwe mu biro bikoreramwo polisi y’Ubwongereza.

Umwe mu bimukira afise iduka ryononekaye yabwiye itangazamakuru ati: “ Simbona igituma baduteye. Maze imyaka 35 mba muri iki gisagara. Umugore wanje n’abana banje bose ni bakavukire bo ngaha. Sinzi ico novuga. Biteye agahinda.”

Cumi na babiri mu bakora imyiyerekano baciye batabwa muri yompi, umutekano urakomezwa, aba Isiramu bahabwa impanuro zo kugara imisigiti basengeramwo kugera hasohotse ayandi mategeko.

Umushikiranganji wa mbere mushasha w’Ubwongereza, Keir Starmer, yateye ivyatsi yivuye inyuma abakoze iyo myiyerekano, yongera asaba igipolisi gufata ingingo zikaze.
Ubwa nyuma haba imyiyerekano ishusha nk’iyi mu Bwongereza hari mu 2011, aho ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abanyagihugu bihaye amabarabara biyamiriza umupolisi yari yishe umwirabure yaba I Londres ku murwa mukuru w’Ubwongereza. Polisi y’Ubwongereza yavuze ko ivyabaye atari imyiyerekano, ahubwo kari akajagari katagira izina. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG