Uganda yemeje ko yinjiranywe n’ikiza c’ibihara vy’inkende. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu buvuga ko abanduye bamaze kumenyekana ari babiri.
Abanduye bose ni abo mu karere ka Kasese, kegeranye n’umupaka Uganda ihana na Republika ya Demokarasi ya Kongo. Bava mu bisagara bibiri bitanduykanye ariko vyegeranye vy’ako karere; umwe ni uwo mugisagara citwa Mpondwe, uwundi nawo ni uwo mu citwa Bwera.
Ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu buvuga ko abanduye bose bayivanye muri Kongo. Abandi icenda bahuye n’abanduye baciye bashirwa mu kato, aho bariko bakurikiranwa n’abaganga.
Mu karere ka Afurika y’ubuseruko ibihugu bimaze kwemeza ko vyatewe n’ikiza c’ibihara vy’inkende ni Uburundi, U Rwanda, Kongo na Kenya.
Republika ya Demokarasi ya Kongo ni yo ivugwamwo benshi banduye; kuva mu kw’indwi abamaze gukekwako ico kiza ni ibihumbi 11. Muri abo, abagera ku 450 carabahitanye.
Umuryango w’ubumwe bwa Afurika ejo ku wa gatanu watangaje ko wemeje vyihuta imiriyoni cumi n’ibihumbi 400 mu madorari ya Amerika vyo guhangana n’iki kiza. Ni amafaranga yavuye mu kigega cari kigenewe kurwanya COVID-19.
Ingwara y’ibihara vy’inkende muri Afurika yibonekeje ubwa mbere mu 1970. Yatanguriye muri Republika ya Demokarasi ya Kongo. (AFP)
Forum